Libya: Inyeshamba za Jenerali Haftar zigaruriye igisagara gikomeye ca Sirte

Inyeshamba zo muri Libya zigaruriye igisagara ca Sirte kiri ku nkengera z'ikiyaga, ikiboneka nk'intambwe ikomeye kuri abo barwanyi.

Ico gisagara cari mu minwe y'igisirikare ca Leta y'ubumwe ya Libya ishigikiwe na ONU, kuva umuhari Etat Islamique womowe muri ico gisagara mu 2016.

Inyeshamba zegukira Jenerali Khalifa Haftar zimaze igihe ziri mu ntambara mu ntumbero yo kwigarurira umugwa mukuru Tripoli.

Leta ya Libya ntaco irashikiriza.

Umunyagihugu asanzwe aba mu gisagara ca Sirte kiri ku kiyaga Méditerranée, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko babonye imirongo y'ingabo ziyita Ingabo z'igihugu ca Libya (LNA) zirongowe na Jenerali Haftar.

Ati: "Muri uno mwanya bigaruriye ibice binini vy'igisagara. Hari n'amasasu abandanya yumvikana".

Ayo makuru atangajwe inyuma y'aho umukuru w'igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, atangarije ko ingabo z'ico gihugu zatanguye kwinjira muri Libya gufasha leta ya Tripoli.

Leta ya Libya isanzwe ishigikiwe n'ishirahamwe ONU ifashwe mu mugongo n'ibihugu vya Turkiya na Qatar, mu gihe Jenerali Haftar nawe ashigikiye na Misiri hamwe na Leta zunze Ubumwe z'Abarabu ( Emirats Arabes Unis).

Ni ibiki biriko bibera i Sirte?

Inyeshamba za Jen. Haftar zivuga ko igisagara ca Sirte cafashwe inyuma y'ibitero vy'indege vyaciye inzira.

Ahmad al-Mesmari avugira inyeshamba za Jen. Haftar yavugiye kuri televiziyo ati: "Sirte yabohojwe…ivanwa mu minwe y'imirwi y'iterabwoba".

Yavuze ivyo inyuma y'amakuru yakwiragijwe ku rubuga rwa Facebook, aho izo nyeshamba zatangaza ko zigaruriye ibice bikomeye, harimwo ikibuga c'indege, kandi ko zariko zibandanya urugendo "gushika hagati muri Sirte mu ntumbero yo kwirukana imirwi yitwaje ibirwanisho".

Gushika ubu, leta ya Libya nta na kimwe iratangariza abanyagihugu ku vyerekeye ifatwa ry'ico gisagara.

Twibukanye

Kuva aho umukuru w'igihugu ca Libya, Muammar Gaddafi, akuriwe ku butegetsi akanagandagurwa n'abarwanyi bari bishigikiwe n'ingabo z'umuryango wa Bulaya, OTAN, ntikirigera kironka amahoro.

Ubu gifise leta zibiri zibangabanganywe, imwe iri ku mugwa mukuru Tripoli isanzwe ishigikiwe na ONU, iyindi irongowe na Jenerali Khalifa Haftar ifise icicaro mu gisagara ca Tobruk kiri mu buseruko bw'ico gihugu.

Ingano za Jen. Haftar zatanguye urugamba rwo kwigarurira umugwa mukuru Tripoli mu kwezi kwa kane umwaka uheze wa 2019.

Mu gihe Turkiya yatangaje ko igiye gufasha leta, ingabo za Jen. Haftar zarongereje umurindi kuva mu ndwi nkeya zirangiye kugira ngo zigarurire utundi turere.

Izo nyeshamba ziragirizwa ko arizo zakoze igitero c'indege kw'ishure rya gisirikare ku wa gatandatu uheze, cahitanye abantu barenga 30. Barahakana ivyo bagirizwa.