Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika irahakana ivyerekeye ikete rivuga ko igiye kuvana ingabo muri Iraq
Umunyamabanga wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Mark Esper, arabeshuza ko ata ngabo za Amerika ziriko ziva muri Irak, inyuma y'ikete ryanditswe n'umu jenerali wa Amerika rivuga ko bagiye kuva muri Irak.
Iryo kete rivuga ko Amerika yoba igiye "gusubiramwo ibirindiro vy'ingabo zayo mu minsi iza" inyuma y'aho abashingamateka ba Irak bazisabiye kuva mu gihugu.
Bwana Esper avuga ko "ko ata ngingo gushika ubwo irafatwa yo kuva mu gihugu".
Ku munsi wa gatanu w'indwi iheze, Qasem Soleimani, arongoye ingabo zidasanzwe muri Irani yarishwe mu gitero c'indege ca Amerika i Baghdad, kw'itegeko rya Perezida Donald Trump.
Irani yatangaje ko itegerezwa kwihora vyanka vyakunda.
Urupfu rw'uyo mutegetsi mukuru mu gisirikare ca Irani rwatumye icuka kibi gikwira mu karere kose k' Uburasirazuba bwo hagati.
Ni ibiki vyari muri iryo kete?
Iryo kete risa n'iryanditswe na General de Brigade William H Seely arongoye ingabo za Amerika muri Irak, yandikira Abdul Amir, icegera c'uwurongoye ingabo mvamakungu muri Irak.
Ritangura riti: " Nyakwubahwa, mu ntumbero yo kwubahiriza ubwigenge bwa Irak, n'ivyasabwe n'inama nshingamateka ya Irak, umushikiranganji wa mbere n'umukuru w'ibikorwa vya gisirikare bihuriyemwo bose, tugiye gusubiramwo ibirindiro vyacu mu minsi iza canke mu ndwi ziri imbere kugira ngo twitegurire ibikurikira".
Iryo kete rivuga ko hari ingingo zimwe zimwe zizofatwa, harimwo n'ivyerekeye ukwongereza ingendo z'indege, "mu gihe c'ijoro" kugira ngo "igikorwa co kuva muri Irak kigende neza kandi mu mutekano ntangere".
Ivyo kandi "bizohumuriza abibaza ko twoba dufise umugambi wo kwongereza abasirikare mu gihugu ca Irak".
Bwana Esper yabwiye abanyamakuru ba Amerika ati: "Nta ngingo gushika ubu irafatwa yo kuva muri Irak. Iryo kete ntaryo nzi…turiko turihweza iyo ryaje riva, n'ibirimwo".
"Ariko nta ngingo yigeze ifatwa yo kuva muri Irak. Nta bindi".
Umutegetsi mukuru mu ngabo za Amerika ariwe arongoye ibikorwa vya gisirikare bihuriyemwo bose, Mark Milley, na we nyene yavuze ko iryo kete ryasohowe mu makosa.
Avuga ko ryari ryanditse nabi, kandi ko ata gikumu ryateweko, rero ko ritari rikwiye gusohoka. Ryariko rikwiragizwa kugira ngo hagire icokwongerwamwo, harimwo n'abanya Irak.
Ati: "Iryo kete ryari ryarungikiwe bamwe mu bategetsi bakuru bakuru ba Iraki kugira ngo hategurwe ibijanye n'ingendo zo mu kirere, n'ibindi. Niho ryava mu minwe ry'umwe rija mu minwe y'uwundi, gushika rishike mu minwe yanyu. Ubu rero kabaye akajagari".
Gen Milley ashimangira ko ata ngabo ziriko ziva muri Irak.
Abasirikare ba Amerika barenga 5000 bararungitswe muri Irak mu 2014 mu ngabo mvamakungu zagiye gufasha ico gihugu kurwanya umurwi Etat Islamique inyuma y'aho wigaruriye ibice bitari bike muri Syria na Irak.
Igikorwa nyamukuru c'izo ngabo ni ukwigisha no guha ibikoresho ingabo za Irak.
Ku wa Mungu, abashingamateka bemeje integuro y'itegeko risaba ingabo mvamakungu kuva muri ico gihugu inyuma y'iyicwa rya Bwana Soleimani.
Inyuma y'aho, Perezida Trump yagabishije ko ashobora gufatira ibihano ruhasha igihugu ca Irak ari nka hamwe vyoba ngombwa ko ingabo za Amerika zova muri Irak ku gahato.
Avuga ko atarota akura ingabo za Amerika muri ico gihugu, akavuga ko kuba abasirikare ba Amerika bari muri Iraki vyabatwaye amamiliyaridi menshi ku buryo batovayo ku nguvu, rero ko batarota bava muri ico gihugu batabarishe amahera yose bakoresheje.