Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Sentare yategetse ko Stella Nyanzi ahabwa imiliyoni 50 z'indishi y’akababaro
Sentare ya Uganda yategetse ko Stella Nyanzi, umwigisha wa kaminuza, ahabwa indishi y'akababaro ingana n'imiliyoni 50 z'amashilingi ya Uganda kubera yankiwe urugendo rwiwe hanze y'igihugu.
Sentare nkuru ya Kampala ku munsi wa mbere yategetse ko umupfasoni Nyanzi ahabwa iyo ndishi kubera bahonyanze agateka kiwe k'ugutembera, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Daily Monitor ca Uganda.
Igisata kijejwe uruja n'uruza carahagaritse urugendo rw'umupfasoni Nyanzi ku wa 19 z'ukwa gatatu 2017 yategerezwa kwitaba inama yahuza abigisha ba kaminuza muri Amsterdam mu Buholande.
Yaciye yitwara avuga ko uburenganzira bwiwe bwahonyanzwe, kandi ko yasesaguye amahera mu kugura visa, itike y'indege n'ihoteri.
Asoma urwo rubanza, umucamanza Henrietta Wolayo yavuze ko leta yarenze ingingo ya 24 y'ibwirizwashingiro ry'ico gihugu.
Iyo ngingo ivuga ko umuntu ategerezwa kwubahirizwa agateka kiwe n'ubuzima bwiwe, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru The Observer.
Umupfasoni Nyanzi azwi cane ku vyo yandika ku rubuga rwa Facebook birwanya ubutegetsi, mbere bimwe ugasanga birimwo amajambo y'ugutyoza.
Uyo mupfasoni afatwa nk'umugumutsi ari mumunyororo w'amezi 18 inyuma y'ukwagirwa n'icaha c'ugutuka Perezida Yoweri Museveni.
Mu rubanza rwaciwe mu kwezi kw'umunani, uyo mupfasoni yarwitavye akoresheje ireresi atabishaka, akaba yerekanye amabere yiwe nk'ukwiyamiriza ivyo yagirizwa.