South Africa: Umugore yari mu modoka yiwe yarokotse ikamyo yamuguyeho

Ahavuye isanamu, NETCARE911
Umugore w'imyaka 26 yakomeretse cane igihe ikamyo yatembagara igahonyanga imodokari yiwe muri Afrika y'Epfo.
Igipolisi kivuga ko umushoferi w'iyo kamyo yayihagaritse nabi agiye gutora abana kw'ishure, ariko yaca imandagara igahonyanga iyo modoka.
Uyo mugore, Opel Adam, yamaze hafi iminota 40 atarakurwa muri iyo modokari yari yafyondekaye.
Abajejwe ibikorwa vy'ubutabazi bashoboye kumukurayo.
Bavuga ko uyo mugore yacitse kw'icumu, ariko akaba yasimbanywe kwa muganga afise ibikomere vyinshi, harimwo n'amagufa yajanjaguritse.
Abajejwe ubutabazi bakora mw'ishirahamwe rya rusehabaniha Netcare 911 bari mu bashoboye gutabara muri iryo sanganya ryabaye ku mugoroba w'ejo ku wa kabiri.

Ahavuye isanamu, NETCARE911
Shawn Herbst umuvugizi wa Netcare 911, yabwiye BBC ati: "Iyo kamyo yamufyondafyondeye hamwe n'imodoka yiwe. Kugira ngo tumukureyo, hari ibice bimwe vy'iyo modoka twabanje kumena".
Igipolisi kimenyesha ko umushoferi w'iyo kamyo, atavuzwe izina ariko arakorwako amatohoza akagirizwa gusamara.
Umuvugizi w'igipolisi Sandra Janse van Rensburg yabwiye ikinyamakuru HeraldLive co muri AFrika y'Epfo ati: "Agarutse kuraba ikamyo yiwe, yasanze itakiri aho yayihagaritse".
"Niho yabona ko iyo kamyo yatembagaye ica igonga imodoka ya Opel Adam".










