Barack Obama aragabisha aba Démocrates bashira imbere impinduka zikomeye

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama aragabisha abariko bahiganirwa guserukira uyo mugambwe mu matora y'umukuru w'ico gihugu ku mpinduka bipfuza kuzana zidafise ishingiro.

Bwana Obama agabisha ko batahagabiye bashobora gutakaza abanywanyi mu gihe bozana impinduka batipfuza.

Mw'ijambo ryiwe yashikirije mw'isekeza ryo kwegeranya amafaranga, Bwana Obama yavuze ko abenshi mu batora batipfuza ko "politike isanzwe ihari isambuka".

Abashika 18 basanzwe bariko barahiganirwa ikibanza co guserukira aba Démocrates mu matora yo mu mwaka uza wa 2020 kugira bahiganwe na Perezida Donald Trump.

Abari imbere ni Joe Biden yari icegera ca Barack Obama, abasenateri Elizabeth Warren, Bernie Sanders na Pete Buttigieg, asanzwe arongoye igisagara ca South Bend muri leta ya Indiana.

Bwana Obama ntaramenyesha umu candidat yipfuza gushigikira, kandi nta n'umwe anegura mu bari mw'ihiganwa.

Yasavye aba Démocrates "kwitondera abatora", agashimikira cane cane kuri politike ijanye n'amagara y'abantu n'iyijanye n'abimukira.

Uyo yahoze arongoye igihugu hagati ya 2009 na 2017 avuga ko abanyagihugu badashira cane imbere impinduka nini, ariko ko bipfuza ivyoza biteza imbere igihugu.

Mu gihe hasigaye amezi ane ngo habe amatora y'ibanze mu mugambwe w'aba Démocrates, ayo majambo ya Obama ari mu majambo akomeye ashikirije muri uru rugamba rw'amatora.

Hari bamwe babona ko ari nk'ukunegura abasenateri Sanders na Warren, babonwa cane nk'abipfuza cane impinduka zikomeye kuri ibi bibazo.

Mu gihe Bwana Biden aboneka ko ari we ari imbere, hari aba Démocrates bafise amakenga ko adashobora guhangana na Perezida Trump, ivyatumye hibonekeza abandi ba candidats binjira muri urwo rugamba.

Hari n'ibihuha bibandanya bikwiragira aho bibaza nimba Hillary Clinton ashobora guhamvya abandi muri urwo rugamba.

Mu kiganiro yahaye BBC, umupfasoni Clinton avuga ko "hari abantu baguma bamusaba bashimitse" ko yokwemera akaja guhangana na Bwana Trump yamutsinze mu matora ya 2016.