Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugambwe Sahwanya FRODEBU uvuga ko uriko urakumirwa mu gutegura amatora
Umugambwe utavuga rumwe na leta y'u Burundi, Sahwanya FRODEBU, uvuga ko wakumiriwe cane mu murwi ujewe gutunganya amatora CENI, kandi ari umugambwe ukomeye.
FRODEBU ivuga ko yahawe ibibanze bikeyi cane mu mugwi ujejwe amatora ugereranije n'igihagararo c'uwo mugambwe mu gihugu.
Uwo mugambwe uvuga ko ababikoze bashatse kuwuca intege kugira wikure mu vy'amatora, ngo ari ivyo nturota ubikora.
Umuvugizi wa Sahwanya FRODEBU, Phenias Niyigaba, yabwiye BBC ko ari akamaramaza uravye igitigiri c'ababaserukiye muri CENI.
Yagize ati: "Mu bantu bashika 150 mu ntara baduhaye umuntu umwe gusa ku ntara, bigiye mu makomine hoho vyabaye ibara umugambwe FRODEBU warakumiriwe bimwe biboneka.
"Ikomine zose twagomba kuba dufise umuntu umwe umwe, ni kuvuga ikomine 119, twagomba kuba tuhafise abantu baduserukira ariko siko vyagenze."
Mu baserukiye imigambwe mu mugwi CNI mu makomine bashika 600, Sahwanya FRODEBU ivuga ko yahawe abantu 6 gusa.
Bwana Niyigaba yabandanije avuga ko FRODEBU ari umugambwe ukomeye uravye ingene userukiwe hose mu gihugu ku buryo utari ukwiriye ikibanza wahawe.
Yatsinze amatora ya mbere ya demokrasi
Sahwanya FRODEBU niwo mugambwe watsinze amatora ya mbere ya demokrasi mu gihugu c'u Burundi, amatora yashikanye ku butegetsi Prezida Melchior Ndadaye mu 1993.
Ndadaye yarongoye u Burundi ikiringo c'amazi atatu, aza kugandagurwa we n'abafasha biwe mw'itembagazwa ry'ubutegetsi ryo mu kwezi kwa cumi 1993.
Kuva ico gihe, Sahwanya FRODEBU, kiretse amatora yo mu 2005 yatsinzwe, yarikuye mu yandi yose yakurikiye ivuga ko yabayemwo ubusuma.
Ubu hoho FRODEBU izokwitaba
Umuvugizi w'uwo mugambwe, Phenias Niyigaba, yabwiye BBC ko amatora y'umwaka uza wa 2020 bategerezwa kuyitaba uko vyogenda kwose.
Yagize ati: "Turamaze gushikiriza imigambi y'umugambwe wacu, mbere turamaze no gutora uwuzoduserukira mu matora y'umukuru w'igihugu".
Uwo nawe ni Leonce Ngendakumana asanzwe ari icegera c'umukuru w'uwo mugambwe, akaba kandi ari mu bayobozi ba FRODEBU bo kuva kera.
Bwana Niyigaba yabandanije agira ati: "Ivyo vyose babigira kugira dushavure tuvuge ngo turayavuyemwo. Nibacire birarura, rero banse kuduha abaduserukira, twe tuzocunganira ku tuzu tw'amatora."
Amatora rusangi mu gihugu c'u Burundi yitezwe mu kwezi kwa gatanu 2020.