Koko ubutunzi bwa Amerika bwoba bwifashe neza kuri Trump kurusha ibindi bihe?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Donald Trump yama avuga igihe cose ko ubutunzi bwa Amerika butari bwigere bwifata neza nk'uko buri ubu kuva Amerika ibaho. Reality Check, igisata ca BBC ciyemeje guca irya n'ino ukuri ku bivugwa mu nkuru kanaka, irihweza ibivugwa, kugira ngo irabe koko ko ari ivy'ukuri canke atari vyo.
Ibivugwa: PerezidaTrump yama avuga ko ubutunzi bwa Amerika bwaduze ku rugero rutari bwigere rubaho, ko "bushobora kuba butigeze bwifata neza nk'uko bumeze ubu" kuva Amerika ibaho.
Mw'ijambo ryiwe yashikirije mw'ikoraniro ry'inama nkuru ya ONU mu kwezi guheze, yashimangiye ivyo avuga mu kwerekana ko yafashe "imigambi mu vy'ubutunzi" yatumye Abanyamerika baronka akazi n'imishahara.
Ivyo Reality Check yabonye: Si vyo ko bukomeye ku rugero rutari bwigere rubaho, kuko bwarigeze kuduga gusumba uko bumeze ubu.

Hagati aho, intambara y'ubucuruzi n'igihugu c'Ubushinwa, icuka kibi kirangwa mu burasirazuba bwo hagati hamwe n'ubwoba ko ubutunzi bw'isi bushobora guhungabana vyatumye amasoko mpuzamakungu ahungabana mu minsi iheze, bituma kandi ibanki nkuru ya Amerika igabanya urugero rw'inyungu.
Aciye ku rubuga rwa Twitter mu ntango z'ukwezi guheze, Trump yanditse ati: "Bimwe mu biharuro biri hejuru mu vy'ubutunzi igihugu kitari bwigere kibona biriko biboneka ubu".
Ivyo biharuro vyerekana iki?
Umwimbu w'igihugu ku mwaka GDP muri rusangi wagiye wongerekana.
Mu mwaka wa 2019, ibiharuro vyerekana ko ubutunzi bwaduze ku bice 3.1% mu gice ca mbere c'umwaka, ariko buca busubira inyuma ku bice 2.1% mu gice ca kabiri cakurikiye gushika mu kwa gatandatu.
Ivyo biharuro biri hasi cane ugereranije n'ingene bwaduze gushika ku bice 5.5% mu gice ca kabiri co mu mwaka wa 2014 ku butegetsi bwa Obama.
Hanyuma dusubiye inyuma muri kahise, harigeze igihe mu myaka ya 1950 na 1960 umwimbu w'igihugu (GDP) uduga cane kurusha aho.
Megan Black, umwigisha w'ivya kahise kuri kaminuza ya London School of Economics, avuga ati: "Uhisemwo kuraba ubutunzi aho bugeze ufatiye kuri GDP, ivyo bwana Trump avuga birateye amakenga ugereranije n'ingene ubutunzi bwaduze ku rugero runini cane mu myaka y'inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose".
Amasoko y'amafaranga araduga... mu nyuma agacumbagira
Perezida Trump arashimikira ku gaciro k'amasoko y'amafaranga muri Amerika - cane cane Dow Jones.
Nivyo ko Dow yageze ku biharuro biri hejuru ku butegetsi bwa Trump. Abakunzi ba Trump bavuga ko ukugabanya amakori ku ma sosiyete hamwe na politike yiwe ishira imbere umunyamerika, hamwe n'ivyo yemeye vyo gushira inguvu mu vyo kurwiza umwimbu, biri mu vyafashije.
Hagati aho, mu mezi make aheze, ivyo biharuro vyarahungabanye cane, ivyo navyo bikaba vyavuye ku bwoba bw'intambara y'ubudandaji n'Ubushinwa, hamwe n'ubwoba ko ubutunzi bw'isi bushobora kugira ingorane.
Ubuzi n'imishahara
None ibintu bimeze gute ku biraba akazi n'imishahara?

Mw'ijambo ryiwe mu nama nkuru ya ONU, Perezida Trump yavuze ko ubushomeri bwari hasi cane mu kiringo c'imyaka 50 yose. Yavuze kandi ko mu myaka itatu iheze, abandi banyamerika imiliyoni zitandatu baronkejwe akazi.
Mu kwezi kw'umunani uno mwaka, ubushomeri bwari ku bice 3.7%. Mu myaka 50 iheze mu kwezi kw'icenda 1969, ubushomeri bwari ku bice nk'ivyo - 3.7%.
Ariko bwaramanutse bushika ku bice 3.5% mu kwezi kw'icumi na rimwe n'ukw'icumi na kabiri 1969, ivyo bikaba ari vyo bitigiri bito cane mu myaka 50.
Naho ku vyerekeye ibiharuro vyerekana abafise ubuzi, nivyo ko abarenga imiliyoni zitandatu biyongereye ku baronse akazi gushika mu kwezi kw'umunani 2019 ugereranije n'ico gihe mu 2016.
Bwana Trump yerekana kandi ko ubushomeri bwagabanutse ku rugero runini cane mu mirwi y'inkehwa.
Ati: "Mu kwezi kw'umunani guheze, ubushomeri mu Banyamerika bakomoka muri Afrika, mu Banyamerika b'aba Hispanique, hamwe no mu Banyamerika bakomoka muri Aziya bwaragabanutse ku rugero rutari bwigere rubaho".
Nivyo ukuri y'uko ibiharuro vyo kuva mu mwaka wa 1972 n'imyaka yakurikiye, vyerekana ko ubushomeri ku Banyamerika bakomoka muri Afrika bwari ku rugero ruri hasi cane mu kwezi kw'umunani - ku bice 5.5%.
Ibiharuro vyerekana abakozi b'Abanyamerika bakomoka muri Espanye ni ivyo kuva mu 1973, kandi mu kwezi kw'umunani uno mwaka, ubushomeri muri uyo murwi bwari ku bice 4.2% - nivyo bice biri hasi cane mu mateka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku Banyamerika bakomoka muri Aziya, ibiharuro ni ivyo kuva mu 2003. Vyerekana ko ubushomeri muri uyo murwi bwari ku bice 2.8% mu kwezi kw'umunani guheze - ariko mu kwezi kwa gatandatu bukaba bwari ku bice 2.1%, bikaba ari vyo biri hasi mu mateka.
Muri iyo mirwi yose, ubushomeri bwagiye bugabanuka mu kiringo cose c'ubutegetsi bwa Obama, inyuma y'aho budugiye ku rugero rwo hejuru cane mu mwaka wa 2009 igihe ubutunzi bw'isi bwari bwahungabanye.
Perezida Trump yabwiye kandi ONU ko "imishahara iriko iraduga, kandi ko umwimbu ugenda wiyongera".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Si ivyo gusa
Umwimbu wo kw'isaha wagiye wongerekana mu mwaka wa 2018 - ivyo navyo bikaba vyatanguye ku butegetsi bwa Perezida Obama.
Mu kwezi kwa kabiri uno mwaka wageze ku bice 3.4%, ariko uca utangura kugabanuka aho ubu ugeze ku bice 3.23%.
Mu majambo asanzwe dufatiye ku kungene amafaranga agenda atakaza agaciro, imishahara yaraduze ku bice 1.5% hagati y'ukwezi kw'umunani 2018 n'ukwezi kw'umunani 2019 nk'uko ibiharuro bivyerekana.
Umwimbu mu miryango wagiye wiyongera - ariko ibiharuro vyagiye bigabanuka mu myaka mike iheze.
Mu 2018, umwimbu ku miryango ibayabaye wabaye amadolari ibihumbi 63.179, ibiharuro bikerekana ko bidatandukanye n'umwaka w'imbere y'aho wa 2017 .


BBC Reality Check yibanda ku kugenzura ukuri kuri mu bivugwa canke vyemangwa mu nkuru zitangazwa, ikagerageza kwerekana niba ari ukuri canke atari kwo.










