Ubushakashatsi bwerekana ko kurya amagi kenshi bishobora gutera indwara z’umutima

Bamwe barya amagi bayashize mu mukate

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bamwe barya amagi bayashize mu mukate

Abahinga mu vyo amagara y'abantu bavuga ko gufungura amagi hampande y'izindi mfungurwa bishobora gufasha umubiri guhingura ivyo ukeneye kugira ugire amagara meza.

Nk'akarorero, ubushakashatsi bwerekana ko kwongera igi rimwe mw'i salade vyongereza urugero rwa vitamin E dukura muri zo.

Hagati aho, abahinga bamaze igihe kitari gito bihweza nimba gufungura amagi ata ngaruka bishobora kugira ku magara yawe.

Inyishu kuri ico kibazo ishobora kuvana n'igitigiri c'amagi wihereza ku ndwi - nk'uko vyerekanwa n'amatohoza mashasha yatangajwe mu kinyamakuru c'ubuvuzi muri Amerika (JAMA).

Nk'uko ico kinyamakuru kibivuga, kwihereza amagi abiri gusa buri munsi birashobora gutera indwara z'umutima mbere bigatuma umuntu ashobora gupfa hataragera.

Igi mu mukate

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ivyo biva ku rugero runini cane rw'icunyunyu bita kolesteroli rusanzwe ruri mu muhondo w'igi.

Igi rimwe rirashobora kugira urugero rwa miligrama 185 za kolesteroli nk'uko bivugwa n'igisata kijejwe uburimyi muri Amerika.

Urwo rugero rusumba igice c'urugero rwa kolesterol umuntu yemerewe gufungura ku munsi, ariwo miligramu 300, rwemewe n'ishirahamwe OMS rijejwe amagara y'abantu kw'isi.

Igi rikaranzwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Si mbwiye abantu ngo bakure amagi ku rutonde rw'imfungurwa zabo, ndabahanura gusa kutarenza urugero

Ibiharuro biherutse gutangazwa, vyerekana ko kuva mu mwaka wa 2015 Amerika ari igihugu kigira gatanu kirya amagi menshi kw'isi - aho umuntu umwe arya ayashika 252 ku mwaka.

Ivyo biharuro vyerekana ko ico gihugu gifise ingorane ziva ku ndwara z'umutima, aho zituma impfu ku bice 20 % .

Ni amagi angahe wofungura?

Umwe mu bakoze ubwo bushakashatsi akaba n'umuhinga muvyo imiti y'ukwikingira kw'ishure kaminuza rya Northwestern University, Norrina Allen, avuga ko vyiza ata muntu akwiye kurenza amagi atatu ku ndwi.

Anahanura abakunda kuyihereza ko vyiza bokwibanda cane cane kurya umweru w'igi.

Amagi atetse

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vyiza abantu bokwibanda cane cane kurya umweru w'igi

Ati: "Si mbwiye abantu ngo bakure amagi ku rutonde rw'imfungurwa zabo, ndabahanura gusa kutarenza urugero".

Ubwo bushakashatsi bwatangajwe mu ntango z'uno mwaka buriyamiriza ibivugwa ko gufungura amagi ata ngaruka mbi bifise ku magara yacu.

Abahinga bakoze ubushakashatsi ku bantu 30.000 mu kiringo c'imyaka 17, bakaba basanze ko kurya igi rirenze rimwe ku munsi, n'aho worenzako inusu yaryo, bishobora gutuma umuntu afatwa n'indwara z'umutima, mbere n'urupfu rukajamwo.

Allen avuga ati: "Twasanze kurya igi rirenze rimwe, n'aho worenzako igice caryo, iminsi yose bishobora gutuma umuntu arwara indwara z'umutima ku bice bitandatu kw'ijana (6%)".

Ubushakashatsi bwo muri kahise butandukanye n'ubu bushasha.

Ubu bushakashatsi bushasha, buratandukanye n'ubwari bumaze gukorwa bwerekana ko atasano riri hagati y'indwara z'umutima n'ugufungura amagi.

Hagati aho, Allen avuga ko ubwo bushakashatsi bw'imbere yabo bwakoreye ku bantu bake cane kandi butafashe umwanya ukwiye w'ugukurikirana abafungura amagi.

Abashakashatsi babukoze baremera ko hashobora kuba harabaye amakosa ku vyo bobo batoye.

Hagati aho, icunyunyu ca Chlore kiri mu magi gishobora kudukingira indwara ya Alzheimer

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hagati aho, icunyunyu ca Chlore kiri mu magi gishobora kudukingira indwara ya Alzheimer

Bobo bakoze ayo matohoza bakoresheje uburyo bw'ibibazo gusa, aho ababazwa vyaba ngombwa ko bibuka ivyo bariye mu kiringo c'amezi canke imyaka.

Abandi bashakashatsi bavuga kandi ko ivyavuye muri ayo matohoza ari ivyo gusubira kwihweza, bakavuga ko n'aho vyaboneka ko hari isano hagati y'ukurya amagi n'iyongerekana ry'indwara z'umutima n'impfu za kare, badashobora gusigura ikibituma.

Isano riri hagati y'ukurya amagi n'indwara z'umutima

Ubushakashatsi bwa JAMA bwihweje ivyavuye mu matohoza yakozwe incuro zitandatu ku bantu 30.000 bakoreshejwe muri ubwo bushakashatsi mu kiringo c'imyaka17.

Abashakashatsi bashitse ku cegeranyo kivuga ko kurya miligramu 300 za kolesteroli buri munsi bituma umuntu ashobora kwandura indwara z'umutima ku bice 17 kw'ijana, n'impfu ku bice 18 kw'ijana.

Igi ry'umulete

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igi ry'umulete

Iyo ngorane irashobora kwiyongera cane bivuye ku gufungura amagi, aho abahinga bavuga ko kurya amagi atatu canke ane ku munsi bishobora gutuma umuntu yandura indwara z'umutima ku bice 6%, mbere ku bice 8% agashobora gupfa hakiri kare.

Ubwo bushakashatsi bwerekana ko ivyo bitavana n'imyaka umuntu afise, inguvu ziwe, kunywa itabi canke kw'ivumbuka ry'amaraso.

Norrina Allen ati: "Ubushakashatsi bwacu bwerekana ko, iyo abantu babiri bafunguye indya zimwe bagatandukanira ku kurya amagi gusa, urya muntu arya amagi menshi niwe ashobora guhura n'ibibazo vy'indwara z'umutima ku rugero runini".