PAM yahagaritse itangwa ry'imfungurwa zirimwo ivyunyunyu zimaze guhitana abantu muri Uganda

'Super Cereal' zigenewe abakenyezi bibungenze, abonsa hamwe n'abana bari munsi y'imyaka itanu

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Insiguro y'isanamu, 'Super Cereal' zigenewe abakenyezi bibungenze, abonsa hamwe n'abana bari munsi y'imyaka itanu

Ishirahamwe rijejwe imfungurwa kw'isi PAM ryahagaritse itangwa ry'imfungurwa zigizwe n'intete zirimwo ivyunyunyu mu gihugu ca Uganda.

Ivyo ni inyuma y'uko hari umuntu apfuye abandi n'abo bashika 200 bakaba barwaye inyuma y'aho bafunguriye izo mfungurwa.

Izo mfungurwa zataziriwe 'Super Cereal' zigenewe abakenyezi bibungenze, abonsa hamwe n'abana bari munsi y'imyaka itanu, zikaba zihabwa abanyagihugu ba Uganda hamwe n'impunzi.

Kuva ku munsi wa gatanu w'indwi iheze, abantu batari bake barwariye mu bitaro biri ahitwa Karamoja mu buraruko bushira ubuseruko bwa Uganda.

Bavuga y'uko baribwa mu nda, bakameneka umutwe kandi bakerekana n'ibimenyetso vy'uko bafise ingorane mu mutwe.

Abategetsi bavuga ko umukenyezi afise imyafa 67 y'amavuka yitavye Imana imbere y'uko ashikanwa ku bitaro.

Ishirahamwe PAM rivuga ko abo barwayi baje bava mu miryango yari yaronkejwe izo mfungurwa mu ndwi iheze.

Leta hamwe n'iryo shirahamwe bariko barakora amatohoza kugira ngo barabe nimba ico kiza cavuye kuri izo mfungurwa.

Itangwa ry'izo mfungurwa ryahagaritse mu gihugu, aho abanya Uganda n'impunzi aribo bahagirira ingorane.

Bariko baragerageza kandi kuraba ingene bogarura izo mfungurwa zamaze gutangwa.

Iguhugu ca Uganda gisanzwe gitunze impunzi zirenga umuliyoni, abenshi bakaba ari abakenyezi n'abana bava mu gihugu ca Sudani y'epfo.

Gushika ubu, abamaze kumenyekana ko bagize ibibazo bava mu ntara ya Karamoja, aho imishamirano, uruzuba hamwe n'ubukene butagira izina vyatumye abatari bake bazera imfungurwa bahawe n'abagiraneza.