OMS ivuga ko Tanzania itagomba kumenyesha ibijanye na Ebola

Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS, ryagiriza Tanzania ko itariko iratanga amakuru ku vyerekeye indwara ya Ebola ivugwa ko ishobora kuba imaze kwibonekeza muri ico gihugu.

OMS ivuga ko yaronse amakuru yavuga ko hari umwe yoba yarahitanywe n'iyo ndwara i Dar es Salaam, mu nyuma bararonka n'ayandi yavuga ko hari babiri boba barafashwe nayo, ariko ikaba itaronse amakuru atomoye n'aho yagumye ibisaba.

Tanzania yoyo ivuga ko ata muntu yigeze yikekwa canke ngo yemezwe ko yanduye Ebola.

Ikiza ca Ebola kiragisibije mu buseruko bwa Congo aho kimaze guhitana abarenga 2000, mu gihe Uganda nayo iriko irarwana kugira ngo ntigikwiragire muri ico gihugu.

Ishirahamwe OMS rivuga ko ryaronse amakuru yavuga ko hari umuntu wa mbere ashobora kuba yaranduye iyo ndwara mu gisagara ca Dar es Salaam, gisanzwe gituwemwo n'abantu benshi gusumba ibindi bisagara muri ico gihugu.

Iryo shirahamwe rivuga ko uyo muntu yari yarabaye muri Uganda, akaba yarerekanye ibimenyetso vya Ebola mu kwezi kw'umunani, basanga koko yari ayirwaye, kandi akaba yaje gusandaba kw'igenekerezo rya 08 z'uku kwezi kw'icenda.

Rivuga kandi ko ababonanye n'uyo mukenyezi baciye bashirwa ahantu ha bo nyene kugira bakurikiranwe.

OMS ivuga ko ifise amakuru ataremezwa neza ko hoba hari n'abandi bantu babiri boba baranduye iyo ndwara.

Iti: "N'aho twabisavye kenshi, abategetsi ba Tanzania nta nsiguro zihagije barashikiriza OMS ku biraba ko hoba hari abandi bantu bamaze kuboneka ko bafise ibimenyetso vy'iyo ndwara".

Yongerako iti: "Biraduteye ingorane kuko tudashobora kumenya ibishobora kuba kubera abategetsi ba Tanzania badashaka kuduha amakuru".

Tanzania ivuga iki?

Ku wa 14 z'uku kwezi kw'icenda, Tanzania yamenyesheje ko ata muntu yikekwa ko yoba yaranduye canke ngo yemezwe ko afise iyo ndwara ya Ebola mu gihugu.

Hagati aho, nta nsiguro canke ayandi makuru yatanze kuri uyo mugore avugwa na OMS ko yoba yahitanywe na Ebola.

Mu ndwi iheze, umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Alex Azar, yaraneguye Tanzania kubona idashaka gutanga amakuru ku biraba ko hoba hari abanduye iyo ndwara.

Biboneka ko idashaka kwemeza ko hoba hari abamaze gufatwa n'iyo ndwara kubera vyogira ingaruka mbi ku gisata c'ingenzi gisanzwe kiri mu bisata vyinjiriza Tanzania amafaranga menshi.

Mu gihugu kibanyi ca Congo, ikiza ca Ebola kihadutse ku ncuro ya 10 mu mateka, kikaba ari co ca kabiri gikomeye kw'isi, aho ubu abamaze kwandura Ebola barenga 3000.

Ikiza gikomeye ca mbere ca Ebola kurusha ibindi ni iciganziye ibice bimwe vyo mu burengero bwa Afrika kuva mu mwaka wa 2014 kugera mu wa 2016, kikaba cahitanye abantu barenga 11,000.