Amnesty International itewe impungenge n’umugambi w'ihungurwa ku nguvu ry’impunzi z’abarundi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko ritewe impungenge n'umugambi w'ibihugu vya Tanzania n'u Burundi rivuga ko bigiye gutahukana ku nguvu impunzi z'abarundi ziri muri Tanzania.
Mw'itangazo ryasohoye ejo ku wa gatanu, iryo shirahamwe rivuga ko ryaronse urwandiko rwo mw'ibanga rwerekana ko abashikiranganji b'intwaro zo hagati ba Tanzania n'u Burundi bumvikanye ko ico gikorwa bagitangura mu ndwi igira kabiri y'uku kwezi kw'icenda bakakirangiza ku wa 31 z'ukwezi kwa 12 uyu mwaka.
Seif Magango icegera c'umukuru w'iryo shirahamwe ajejwe akarere ka Afrika y'Ubuseruko, ibiyaga binini n'ihembe rya Afrika ati: "Birababaje cane kubona leta ya Tanzania ishaka kurungika abantu batavyiyumvamwo ahantu ishirahamwe ONU rivuga ko ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu ribandanya kakaba akamizwe n'ingoma".
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'u Burundi Pascal Barandagiye, yagiriza ishirahamwe HCR rijejwe impunzi kw'isi ko ridashaka guhungura impunzi ku nyugu zaryo.
Mw'iryo tangazo, Amnesty International ivuga ko abo bategetsi babiri bumvikanye ko bategerezwa kwihoza akamo katewe n'ishirahamwe HCR bakibandaniriza umugambi wabo w'uguhungura izo mpunzi.
Isubiramwo ibiri muri urwo rwandiko ivuga, Amnesty International imenyesha ko bumvikanye bati: " N'aho HCR yokwerekana ko ishobora gufasha canke igashaka kudindiza umugambi, ibihugu bibiri bizobandanya uyu mugambi mpaka aba Barundi basubiye mu gihugu cabo".
Bwana Magango ati: "Amaleta ya Tanzania n'u Burundi ategerezwa guhagarika vyihuta umugambi wabo w'uguhungura impunzi z'abarundi ku nguvu".
"Mu gihe ibikorwa bikomeye vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu bibandanya, ni nkererwa ko imiryango yobandanya yuguruwe ku barundi bakiri mu gihugu, hamwe n'abo bandi bahunze".
Asaba ko impande zose zitatu, Uburundi, Tanzania na HCR zokwumvikana ku buryo uwushaka guhunguka wese yotahukanwa ku gushaka kwiwe kandi bigakorwa mw'iteka n'itekane hisunzwe amasezerano mpuzamakungu.
Uburundi buti 'HCR yishakira akazi'
Ishirahamwe HCR rivuga ko ridashigikiye na gato ko impunzi zitahukanwa zitavyiyumvamwo.
Rivuga ko ingene ibintu bimeze ubu mu Burundi hataragera ko bahimiriza ko impunzi z'Abarundi zihunguka.
Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'u Burundi, Pascal Barandagiye, avuga ko kubona ishirahamwe HCR ridashaka ko impunzi zihunguka ari uko ryishakira akazi.
Avugana n'abamenyeshamakuru ku wa 27 z'ukwezi kw'umunani i Bujumbura inyuma y'urugendo rwiwe mu makambi ya Nduta na Mtendeli ku wa 25 z'uko kwezi nyene, bwana Barandagiye yavuze ati: "Wonsigurira gute ingene impunzi iza kwiyandikisha mu nkambi ukamusubiza inyuma ngo ntakwije imyaka".
"Urudandazwa rurimwo kubera ata mpunzi zihari bazoca bataha kuko nta kazi bosubira kuronka".
"Ntidushobora kwemera abantu bagira urudandaza ku barundi bacu, uno munsi tubabwira tuti hagarika urwo rudandazwa, abarundi bacu turabatahana".
Rachel Nicholson, umushakashatsi mw'ishirahamwe Amnesty International ku Burundi n'u Rwanda, avuga ko ivyo umushikiranganji yagirije ishirahamwe HCR bidafashe kuko ngo risanzwe rinafise ingorane, akavuga ko gushika mu mpera z'ukwezi kw'indwi ryahawe ibice 22 % ryamahera akenewe kugira rifashe impunzi z'abarundiu muri kano karere.
Izo mpunzi zozo zisaba ko amakungu yofata mu minwe ikibazo cazo, zikavuga ko Tanzania ishaka kubirukana kuko ngo idakeneye "kubona umuntu wese yitwa Umurundi ku butaka bwayo".
Amashirahamwe agera kw'13 atacemerewe gukorera ku butaka bw' Burundi yarandikye ishirahamwe HCR arisaba gukingira Abarundi bahungiye muri Tanzania, inyuma y'aho bumvitiye ko Uburundi na Tanzania bumvikanye kubahugura ku nguvu.
Maitre Armel Niyongere arongoye ACAT rimwe muri ayo mashirahamwe, avuga ko basaba HCR ko yohanura Tanzania igahagarika uwo mugambi.
Amenyesha ko bariko bategura kwitwarira leta ya Tanzania yagiriza ko iriko irenga ku masezerano mpuzamakungu yo mu mwaka wa 1951 agenga impunzi.










