Android 10: Bishasha ariko bizoteba gushikira bose

Ubuhinga bugezweho bwa Android si agaseseshwarumuri.

Ni ubuhinga buje bufise igisumbirije ku mutekano w'uwuyikoresha, kw'ikoreshwa ryayo, ikaba ifise akarusho mu gukoresha umuriro.

Nico kintu ca mbere gikomeye gishitsweko na Android ya Google mu myaka cumi yose.

Iyo Android igezweho ubu irakoreshwa muri telefone zo mu bwoko bwa Google Pixel, Essential na Xiaomi K20 Pro, izindi z'ubundi bwoko zitegerezwa kurindira mu kiringo c'indwi nkeya ziri imbere.

None kuki iteba gushikira abayikoresha bitandukanye na iOS?

Inyishu yonyene ni uko hari amatelefone menshi cane akoresha Android.

Ico iOS yisangije ni uko iyo hari bishasha bibonetse amatelefone yose ya Apple aca abironka ubwo nyene.

Ariko kuri Android, iyo hari bishasha bibonetse, buri kompanyi ifise uburenganzira bw'ukubishira muri telephone yayo ya Android bivanye n'ingene itunganijwe.

Hampande y'ivyo, kubera buri kompanyi ifise ingene itunganya amatelephone yayo, iyo haje ubuhinga bushasha iyo kompanyi itegerezwa kwihweza neza ingene ishobora kubukoresha bivanye n'ubukomezi bwayo.

Hariho n'izindi kompanyi zozo, bivanye n'ingene zikora, zishima gushira ku gihe Android zari zisanzwe zifise mu matelefone yayo, izindi nazo zigashima kuyishiramwo gushasha mu matelefone mashasha.

Muri iyi ntumbero, Google ivuga ko muri uno mwaka iriko irakorana na kompanyi zikorana nazo kugira ngo zishire ku gihe amatelephone yazo kugira zishobore gukoresha Android 10.

Bimwe muri vyinshi bishasha muri Android 10, ni uko ari ubuhinga bufise uburyo bw'ukuziganya umuriro muri bateri ya telephone, n'uburyo bw'ukuraba ingene Apps zikoreshwa ku buryo zitabandanya zitwara uyo muriro.

Ubwo buhinga kandi buzofasha abavyeyi kumenya umwanya abana babo bamara bariko bakoresha telephone n'ama apps bakoresha, bakazoshobora n'ukumenya aho bazoba baherereye.