Korea y’Uburaruko yasubiriye kugerageza ‘za misire ziterwa hafi’

Ahavuye isanamu, Reuters
Korea y'Uburaruko yateye ibisasu vya missile bibiri mu nyanza, rikaba rigize gatanu ico gihugu kigerageza ivyo birwanisho kuva mu ndwi nke ziheze.
Igisirikare ca Korea y'Ubumanuko kivuga ko izo misre zarashwe ejo ku wa gatanu ari izidashika kure.
Mu gihe vyokwemezwa, iryo geragezwa ryoba rihonyanze ingingo zishika11 z'akanama ka ONU kajejwe amahoro kw'isi.
Iryo geragezwa kandi ribaye inyuma y'aho umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika amenyeshereje ko "yaronse ikete ryiza cane" arungikiwe na Kim Jong-un arongoye Korea y'Uburaruko.
Avugana n'abamenyeshamakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche, Perezida Donald Trump yavuze ati: "Ryari ikete ryiza cane rwose. Nibaza ko turi mu gusubira kubonana. N'ukuri yanditse ikete ryiza cane ry'impapuro zitatu - ryiza cane kuva hejuru gushika hasi".
Bwana Trump avuga ko Bwana Kim atishimiye imyimenyerezo ya gisirikare ihuza ibihugu vya Amerika na Korea y'ubumanuko.
Bitegekanijwe ko imyimenyerezo nyayo izotangura ejo ku wa 11 z'uku kwa munani, mu gihe imyiteguro yoyo igeze kure.
Ubutegetsi bwa Korea y'Uburaruko buvuga ko iyo myimenyerezo iteye kubiri n'ivyo bumvikanye na Bwana Trump be n'umukuru w'igihugu ca Korea y'Ubumanuko Moon Jae-in.
Korea y'Uburaruko imaze gutera ibisasu vya missile n'amaroketi atari make kuva Bwana Trump na Bwana Kim bemeranije kuvyura ibiganiro vyerekeye umugambi wa Korea y'Uburaruko w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara mu kwezi kwa gatandatu kw'uyu mwaka.
Ibisasu vyatewe ku wa 25 z'ukwezi kw'indwi guheze - vyashitse ku birometero 690 - vyari ivya mbere kuva Bwana Trump na Bwana Kim babonaniye mu karere kagabura ibihugu vya Korea y'Uburaruko n'Ubumanuko mu kwa gtandatu kw'uyu mwaka.










