Perezida Trump avuga ko Amerika yasambuye drone ya Irani

Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, avuga ko igisirikare c'ico gihugu kirwanira mu mazi casambuye indege ya Irani mu canzo ca Hormuz (Détroit d'Ormuz).

Avuga ko ubwato bw'intambara, USS Boxer "bwakoze igitero co kwikingira" ku wa kane inyuma y'aho iyo drone yari igeze hafi ku metero 914 yabwo.

Irani ivuga ko ata makuru ifise ko hari drone yatakaje.

Mw'ijambo yashikirije mu biro vy'iwe, Maison Blanche, Bwana Trump yavuze ati: "Nashaka kumenyesha uwo ari we wese ko hari igitero cabaye uno munsi cakozwe n'ubwato bw'intambara, USS Boxer.

"Ubwo bwato bwakoze igitero co kwivuna kuri drone ya Irani yari yabusugereje cane, iri hafi ku metero 914, yirengagije akamo yatewe ko gusubira inyuma, ivyabangamiye umutekano w'ubwo bwato n'abari muri bwo. Iyo drone yaciye ubwo nyene isamburwa".

"Ako niko gasomborotso gaherutse gakozwe na Irani ku bwato buri mu mazi mpuzamakungu. Amerika ifise uburenganzira bw'ubukingira abantu bacu, n'inyungu zacu".

Imbere y'aho, Irani yari yamenyesheje ko yafashe "ubwato mvamahanga butwara igitoro" n'abari muri bwo 12 ku munsi wa Mungu, ikabwagiriza ko bwari butwaye igitoro ca magendo.

Amerika ivuga ko igihugu ca Irani gitegerezwa kurekura ubwo bwato.

Ibimenyeshamakuru vya lta ya Irani vyasubiyemwo amajambo yashikirijwe n'ishami rya gisirikare rijejwe kwubahiriza idini rya Isilamu, rivuga ko ubwo bwato bwari butwaye igitoro ca magendo kingana n'amalitiro umuliyoni.

Ivyo binyamakuru nyene vyerekanye ireresi y'utwato dutoya tunyaruka cane twa Irani tuzunguruka ubwo bwato Riah bwari bufise idarapo y'igihugu ca Panama.

Irani ivuga ko ubwo bwato bwafatiwe mw'izinga rya Larak riri mu bumanuko bw'ico gihugu.

Amerika iragiriza ico gihugu ko gikora ibitero ku mato atwara igitoro kuva mu kwa gatanu muri ako karere, ivyo Irani yamirira kure.

Ukutumvikana hagati y'ivyo bihugu vyompi kwatanguye mu kwezi kwa gatanu kw'umwaka uheze wa 2018.

Ico gihe Trump yivumbura mu masezerano yo mu mwaka wa 2015 hagati ya Irani n'ibihugu bitandatu vya rutura, ku vyerekeye umugambi wayo w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Ibintu vyagiye kwunyuka kuva mukwa gatandatu kw'uno mwaka, cane cane kuva aho Irani irasiye indege (drone) ya Amerika mu ndwi iheze, ivuga ko yari yavogereye ikirere cayo, ivyo Amerika yiyamirije ivuga ko drone yayo yari mu kirere mpuzamakungu.