Uganda irarondera abashitse hafi y'umugore adandaza ifi yishwe na Ebola

Abategetsi ba Uganda bariko bararondera abantu boba barakoze ku mugore yerekanye ibimenyetso vya Ebola mu ndwi iheze, imbere yuko apfira mu karere ka Beni muri Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Uyo mukenyezi azwi nk'umudandaza w'ifi, nk'uko bivugwa n'abayobozi ba disctrict mu gisata c'amagara y'abantu, yarayozwe (kuruka) ari kw'isoko rya Mpondwe ku rubibe rwa Uganda na Kongo ku munsi wa kane uheze, imbere yo gusubizwa muri Kongo agahava yicwa n'ikiza ca Ebola.

Bivugwa ko yajabutse muri Uganda ava muri Kongo aciye ku rubibe rutemewe n'amategeko.

Ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, hamwe n'ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe amagara y'abantu vyemeje ko uyo mukenyezi yadandaza ifi yishwe n'umugera wa Ebola.

Abantu bacuruza ifi baharugwa hafi amajana atandatu hamwe n'abavunjayi bo kw'isoko rya Mpondwe bariko bararonderwa kugira bahabwe urukingo.

Mu kwezi kwa gatandatu, hari abantu babiri bishwe n'ingwara ya Ebola ku rubibe rwo mu burengero bwa Uganda na Kongo.

Kuva ico gihe, nta muntu n'umwe afise umugera wa Ebola arasubira kuvugwa muri Uganda.

Kubona uyu muntu yahitanywe na Ebola vyateje impungengenge kw'ikwiragira ry'ikiza ca Ebola muri Uganda ariko abayobozi bo hasi barahumuriza abavuga ko batazokwegera isoko riri ku mupaka.

Abantu barenga 6.000, benshi muribo bagizwe n'abakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu, baracandazwe umugera wa Ebola muri Uganda kuva mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2018.

Kuva ikiza ca Ebola gitanguye kuvugwa muri Kongo, abantu barenga 2000 baravuzwe ko banduye uyo mugera, kandi wahitanye abarenga 1500.