Igisirikare n’abatavuga rumwe muri Sudani bashitse ku masezerano y’ugushinga leta mfatakibanza

Abahuza mu ndyane zo mu gihugu ca Sudani bamenyesha ko abategetsi ba gisirikare hamwe n'abatavuga rumwe bashitse ku masezerano y'ugusangira ubutegtsi gushika habaye amatora.

Izo mpande zompi zumvikanye ko bagiye gukuranwa ku butegetsi bw'ico gihugu mu kiringo c'imyaka itatu.

Mohamed Hassan Lebatt, umwe mu bahuza aserukira ishirahamwe ry'ibihugu vya Afurika, avuga ati: "Impande zompi zumvikanye gushinga inama nkuru y'igihugu yigenga, aho abasirikare n'abasivire bazokuranwa kuyirongora mu kiringo kitarenze imyaka itatu".

Yongeyeko y'uko izo mpande zompi zumvikanye kandi ko "hagiye kuba amatohoza yigenga ku mabi yose yakozwe mu gihugu mu ndwi ziheze".

Barumvikanye kandi ko ishingwa ry'inama nshingamateka ryokwunguruzwa.

Omar al-Degair arongoye umugambwe utavuga rumwe, Forces for Freedom and Change (FFC), avuga ati: "Twizeye ko iyi ari intango y'igihe gishasha".

Nayo Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, icegera c'umukuru w'inama ya gisirikare irongoye igihugu avuga ati: "Aya masezerano azohuza bose kandi nta n'umwe azokumira".

"Turashima utwigoro n'ukwihangana vy'abahuza ba Ethiopia n'umuryango w'ibihugu vya Afrika ".

Amakuru ajanye n'ayo masezerano yatumye abantu biha amabarabara berekana umunezero wabo.

Ibi biganiro vyashitse kuri aya masezerano vyatanguye mu ntango z'iyi ndwi ku mugwa mukuru Khartoum, bikaba vyari bihagarariwe n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia hamwe n'abaserukiye umuryango w'ibihugu vya Afrika.

Igihugu ca Sudani kirongowe n'inama ya gisirikare kuva Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi yari amazeko imyaka 30, inyuma y'imyiyerekano yari imaze igihe imwiyamiriza.

Ariko cabandanije kirangwamwo uruhagarara kubera iyo myiyerekano yabandanije, aho abari muri yo babandanya basaba ko ubutegetsi bushirwa mu minwe y'abasivire.

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika be n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia bagumye bagerageza guhuza impande zompi, ariko bakaba batari bwashike ku masezerano y'ugusangira ubutegetsi.