Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bobi wine avuga ko yiteguye gushira mu ngiro ivyari vyiyemejwe na Museveni
Umushingamateka atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Uganda, Robert Kyagulani, azwi kw'izina rya Bobi Wine, avuga ko yiteguye gushira mu ngiro imigambi cumi yananiye Perezida Yoweri Museveni mu myaka 33 y'ubutegetsi bwiwe mu gihe yotorwa.
Avugana n'ikinyamakuru The Citizen co mu gihugu ca Tanzaniya, uyo munyapolitike avuga ko intumbero yiwe ari ugushira mu ngiro iyo migambi avuga ko ata n'umwe wigeze ushirwa mu ngiro.
Uyo mushingamateka akaba n'umunyamuziki avuga ko ishirwa mu ngiro ry'iyo migambi ryamye ribuzwa n'ibiturire be n'ihonyangwa ry'amategeko avuga ko birangwa mu gihugu ciwe.
Yabwiye ico kinyamakuru ati: "Nivyo ko hari imigambi myinshi. Ntiyigeze ija mu ngiro kubera igiturire kirenze urugero. Kuri ivyo, nshaka gushira mu ngiro iyo migambi yamye ishikirizwa kuva kera".
Avuga ati: "Ni ngombwa ko abantu bamenya ko Uganda itigeze ibura imigambi myiza. Twamye dushikiriza ingene ibintu vyogenda twisunze ubushakashatsi bwinshi bwakozwe ku rwego ruhanitse".
Bobi Wine avuga ko afise ivyizigiro y'uko abatavuga rumwe n'ubutegetsi bashobora gutsinda Bwana Museveni mu matora yo mu mwaka wa 2021 kubera yizigiye urwaruka avuga ko rushika ku bice 85 kw'ijana vy'abanyagihugu muri ico gihugu.
Avuga ati: "Kandi si urwaruka gusa, n'abantu bakuze baradushigikiye kandi ubu abanya Uganda bashize hamwe gusumba uko vyari bimeze. Nico gituma n'ubu mbandanya mvuga koi jewe n'umurwi ndongoye tuzohangana na Prezida Museveni mu matora ategekanijwe mu myaka ibiri iri imbere".
Yongeyeko ko n'aho batarafata ingingo ntabanduka, bariko bagerageza gushira abantu hamwe no kwegeranya inguvu zose zishaka ko ibintu bihinduka kugira ngo binjire mu matora bari hamwe.
"Nivyo ko turi benshi twipfuza kwitoza. Umwe muri twebwe azotorwa hanyuma aterwe iteka ry'ukuduserukira. Ni bizera jewe, nditeguye guhangana na Museveni".
Ariko arafise amakenga, aho avuga ko hariho bamwe mu bo babona kumwe ibintu bagurwa, abandi nabo bagaterwa ubwoba.
Bwana Wine yamaze gutangaza ko yipfuza kwitoza nk'umukuru w'igihugu ca Uganda, akunze gushamirana bikomeye n'ubutegetsi bw'umukuru w'ico gihugu, Yoweri Museveni, amaze imyaka 33 ku butegetsi.