Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igipolisi ca Tanzania cahagaritse abagabo bagirizwa gufata abagore ku nguvu
Igipolisi ca Tanzania cahagaritse abantu icenda mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu bagirizwa ko bafise uruhara mu bikorwa bigayitse vy'ugufata abagore ku nguvu kuva mu mwaka wa 2016.
Bamwe mu bagore bo mu ntara ya Kigoma babwiye BBC ko bagize iminsi batekewe n'ubwoba kubera ibivugwa ko bimaze igihe bikorwa n'akarwi k'abagabo - kazwi muri ako karere kw'izina rya "teleza".
Abo bagabo bagirizwa gutera abagore n'imipanga, bakabafata ku nguvu.
Ishirahamwe riharanira agateka k'abakenyezi muri ako karere, Tamasha, ryabwiye BBC ko abagore bashika 43 bamaze gufatwa ku nguvu muri iyo ntara kuva mu mwaka wa 2016.
Hari abagore bataye izabo bakaba baba hamwe kugira ngo bakingiranire.
Yerekana inkovu yiwe, umwe muri abo bakorewe ico kibi yabwiye BBC ati: "Jewe ndipfuza kuva muri ino ntara ya Kigoma".
Uwo murwi wiswe "Teleza" (bikaba bisigura ngo "nyerera") kubera bivugwa ko imbere y'uko bakora ico kibi babanza kwisukako amavuta acafuye.