Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Etienne Tshisekedi arashingurwa kuri uyu wa gatandatu inyuma y'imyaka ibiri asandavye
Leta ya Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo iri mu birori vy'ugushingura Etienne Tshisekedi azwi nk'umunyepolitike yamye arwanya ubutegetsi bw'ico gihugu kuva kera, inyuma y'imyaka ibiri yitavye Imana mu gihugu c'Ububirigi.
Ikiziga ciwe cashikanywe mu gihugu ku munsi wa kane inyuma y'igihe kitari gito umuryango wiwe n'ubutegetsi batacumvikanako, inyishu ikaba yagiye gutorwa inyuma y'aho umuhungu wiwe Félix ashikiye ku butegetsi.
Ejo ku munsi wa gatanu, abantu ibihumbi n'ibihumbi, harimwo n'abakuru b'ibihugu vy'u Rwanda na Angola, barasezeye ubwa nyuma Etienne Tshisekedi ku kibuga citiriwe abamaratiri ku mugwa mukuru Kinshasa.
Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko kubona perezida Paul Kagame w'u Rwanda ashika muri ivyo birori ari ikintu gihambaye cane, inyuma y'imyaka itari mike igihugu ciwe na Kongo bidacana uwaka.
Inyuma y'igisabisho kirongowe na Musenyeri mukuru wa Kinshasa, Fridolin Ambongo Besungu, bitegekanijwe ko umuhisi Etienne Tshisekedi aza gushingurwa ku muhana iwe uri ahitwa N'Sele mu buseruko bwa Kinshasa.
Etienne Tshisekedi yasandavye afise imyaka 84 y'amavuko i Buruseri mu Bubirigi, ikiziga ciwe kikaba cagumye kibitswe mu bubiko bw'ibiziga, imbere y'uko gitahukanwa mu gihugu.
Tshisekedi yaramaze imyaka itari mike muri politike, akaba yaragerageje incuro nyinshi kwitoza ngo abe umukuru w'igihugu ariko biranka.
Yarabaye umushikiranganji w'intwaro yo hagati ku butegetsi bwa Mobutu Sese Seko igihugu citwa Zaire.
Mu mwaka wa 1982, Tshisekedi yashinze umugambwe UDPS (Union pour la Démocratie et le Progrès Social), ivyatumye apfungwa akatari gake.
Inyuma y'imigumuko yadutse mu ntango z'imyaka ya 1990, Tshisekedi yaragenywe na Perezida Mobutu kuba umushikiranganji wa mbere, kuva ku wa 29 z'ukw'icenda gushika ku wa mbere z'ukwa 11. Inama y'igihugu yagiye kumusubiza muri ayo mabanga ku wa 15 z'ukwezi kw'umunani mu 1992.
Isekeza ry'ugushingura Etienne Tshisekedi mu gihugu ciwe c'amavukiro ryagiye rihura n'ibibazo, aho uwahora ari umukuru w'igihugu Joseph Kabila atavyoroheje.
Umunyamakuru wa BBC Gaius Kowene i Kinshasa, avuga ko, kubona ikiziga ciwe gishoboye gutahukanwa, abakunzi b'umuhisi Tshisekedi babifata nk'itsinzi kuri leta yahahora.