Ramadani: Ni ibiki biba mu mubiri wawe iyo wisonzesheje ?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uko umwaka utashe, amamiliyoni y'aba isilamu barisonzesha kuva mu gaturuturu gushika ku mugoroba mu kiringo c'iminsi 30, nka kimwe mu bikorwa biranga Ramadani.
Muri iyi myaka ya vuba, Ramadani yagiye iraba mu gihe c'ici mu gice c'amajaruguru y'isi (uno mwaka ishobora kuba kw'igenekerezo rya 16 z'kwa gatanu mu Bwongereza), bigatuma umurango umara amasaha menshi kandi hagashuha.
Ivyo vyerekana ko mu bihugu bimwe bimwe nka Norvège, abantu bazokwisonzesha gushika ku masaha 20 ku munsi uno mwaka.
None ivyo birashobora kuba ari vyiza ku magara yawe? Ng'ibi ibishika mu mubiri wawe iyo wisonzesheje iminsi 30.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe kigoye - iminsi mike ya mbere
Mu bisanzwe umubiri wawe winjira mu "gihe c'ukwisonzesha" inyuma y'amasaha umunani canke arenga inyuma y'ugufungura.
Aho ni inyuma y'aho umubiri uhereje kwakira intungamubiri ziri muri izo mfungurwa.
Inyuma y'aho gato, umubiri uca wikora ku ntanganguvu ubitswe mu gitigu no mu mitsi kugira ngo ushobore kugira inguvu.
Haciye iminsi wisonzesheje, mu gihe intanganguvu zaheze, umubiri uca wikora ku mavuta kugira ngo ushobore kugira inguvu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iyo rero umubiri utanguye guturira amavuta, bica bifasha mu gutakaza ibiro, bikagabanya vya vyunyunyu bita "cholesterol" bigaca bituma ivy'ukurwara indwara y'igisukari bigabanuka.
Ariko, iyo isukari igabanutse mu maraso, bituma ubura inguvu n'ukwumva uburuhe.
Urashobora kumeneka umutwe, ukazungurirwa, ukumva iseseme kandi ugahema nabi.
Aho ni mu gihe uba ushonje cane.
Kwitondera ugukama amazi - hagati y'iminsi 3 n' i -7
Mu gihe umubiri wawe watanguye kumenyera ukwisonzesha, amavuta arahingurwamwo isukari yo mu maraso.
kubera ivyo unywa biba vyagabanutse, mu gihe wisonzesheje utegarezwa kunywa ibindi hagati y'amafungo, ahandi hoho intuguta yotuma ukama amazi mu mubiri.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imfungurwa zawe zitegerezwa kuba zirimwo "intanganguvu" zikwiye, nk'akarorero zirimwo isukari n'ifu, hamwe rero n'amavuta.
Ni nkenerwa ko imfungurwa ziba zirimwo ivya nkenerwa bikwiye, harimwo ndemamubiri, umunyu n'amazi.
Mu gihe wamaze kumenyera - iminsi hagati ya 8 na 15
Gushika ku kiringo ca gatatu, wategerezwa kubona impinduka mu mibereho kubera umubiri wawe wamaze kumenyera ukwisonzesha.
Dr Razeen Mahroof, umuhinga mu vy'imiti y'ugusinziriza n'ukuvura abageramiwe ku bitaro vya Addenbrooke mu gisagara ca Cambridge mu gihugu c'Ubwongereza, avuga ko hari n'utundi turusho.

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Mu buzima busanzwe bwa minsi yose, dufungura kenshi imfungurwa zirimwo ntanganguvu nyinshi, ibi navyo bigatuma umubiri ushobora kunanirwa kurangura ayandi mabanga nk'ugusubira kwisanasana".
"Ivyo bikosorwa mu gihe c'ukwisonzesha, kuko bituma umubiri witaho ibindi ".
Rero, ukwisonzesha kurafasha umubiri gukira indwara b no kuzirinda".
Kurwanya isumu - kuva ku munsi wa 16 gushika ku wa 30
Mu gice ca kabiri gishira ica nyuma ca Ramadani, umubiri wawe uzoba wamaze kumenyera ivy'ukwisonzesha.
Guhera ico gihe, urura rwawe, igitigu, amafyigo hamwe n'urukoba bica vyinjira mu gihe co gusohora isumu.

Ahavuye isanamu, Dr Razeen Mahroof
Dr Mahroof avuga ati: "Mu vy'amagara muri iki kiringo, umubiri uba uriko usubirana ubushobozi bwose. Ubushobozi bw'ukwiyumvira bushobora kwongerekana kandi ukagira n'inguvu nyinshi ".
"Mu gihe ukwisonzesha kwa Ramadani kuba kuva mu mutwenzi gushika ku mugoroba, hari akanya keza ko gusubira kwiyubaka mu gufungura indya zirimwo intanganguvu n'ibinyobwa. Ivyo birafasha mu kubungabunga imitsi be no gutakaza ibiro".
None, ukwisonzesha biri n'akamaro ku magara yacu?
Dr Mahroof avuga ati ego, ariko biravana.
"Ukwisonzesha ni nkenerwa ku magara yacu kubera kudufasha kwihweza ivyo twofungura n'igihe twobifungurira. Ariko, n'aho ikiringo c'ukwezi gishobora kuba gikwiye, si vyiza ko wobandanya wisonzesha igihe kirekire".

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Ukwisonzesha igihe kirekire siyo nzira nziza y'ukugabanya ibiro kuko bishobora gushika umubiri ugahagarika guhingura amavuta mu vyongereza inguvu, ahubwo umubiri usigara wikora ku mitsi kugira ngo ushobore kubaho. Ivyo navyo si vyiza ku magara yacu kuko n'umubiri wawe winjiye mu "kiringo c'ugusonza".
Ahanura ko, ureste ico gihe ca Ramadani c'ukwisonzesha, rimwe na rimwe umuntu yofata iminsi mike mu ndwi akisonzesha, ivyo bikaba vyofasha gusumba, hakwisonzesha amezi menshi ica rimwe.
"Ukwisonzesha muri Ramadani, mu gihe bikozwe neza, kurashobora kugufasha kwongereza inguvu iminsi yose, bivuga ko ushobora gutakaza ibiro utarinze kwonona imitsi yawe".










