Isubirwamwo ry’amatora muri Turkiya ryashavuje abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari bayatsinze

Imyiyerekano yaratunganijwe mu burere butandukanye bwa Istanbul biyamiriza isubirwamwo ry'amatora

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yaratunganijwe mu burere butandukanye bwa Istanbul biyamiriza isubirwamwo ry'amatora

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Turkiya uriyamirizwa ku ngingo wafashe y'ugusubiramwo amatora mu gisagara ca Istanbul, inyuma y'aho abatavuga rumwe n'ubutegetsi bayatsindiye mu kwezi kwa gatatu kw'uno mwaka.

Umugambwe AKP w'umukuru w'igihugu Recep Tayyip Erdogan uvuga ko ayo matora yaranzwe "n'utunenge hamwe n'ibiturire", vyatumye umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, CHP, uyatsinda usumbije uwo wundi amajwi make cane.

Ariko umukuru w'umugambwe CHP, Ekrem Imamoglu, yari yatangajwe ko ari we arongoye igisagara ca Istanbul mu kwezi kwa kane guheze, avuga ko iyo ngingo ari "iy'ubusuma".

Ayo matora ategekanijwe kw'igenekerezo rya 23 z'ukwezi kwa gatandatu kw'uno mwaka, yatumye haba imyiyerekano muri ico gisagara.

Ejo ku munsi wa mbere, abanyagihugu amajana n'amajana bariyegeranije mu burere butandukanye bw'igisagara ca Instanbul, bagenda bakubita ku masafuriya n'inkono, baririmba n'indirimbo zityoza leta.

Inama nshingamateka ya Bulaya nayo nyene imenyesha ko iyo ngingo y'ugusubiramwo ayo matora izokura icizere c'amatora ashingiye ku ntwaro rusangi mu gihugu ca Turkiya.

Kubera iki ayo matora asubirwamwo?

Uwuserukira umugambwe AKP mu murwi ujejwe amatora, Recep Ozel, avuga ko ayo matora yasubiye gutunganywa gushasha kubera bamwe mu bari bayahagarikiye batari akabozi ba leta, kandi ko impapuro zimwe z'ivyavuye mu matora zitari zateweko igikumu.

Ariko icegera c'umukuru w'umugambwe CHP, Onursal Adiguzel, avuga ko isubirwamwo ry'ayo matora ryerekana ko "gutsinda umugambwe AKP bitemewe n'amategeko".

Ekrem Imamoglu yemejwe ko ari we mukuru w'igisagara ca Istanbul mu kwezi kwa kane guheze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ekrem Imamoglu yemejwe ko ari we mukuru w'igisagara ca Istanbul mu kwezi kwa kane guheze

Abicishije ku rubuga hwaniro rwa Twitter, Bwana Adiguzel yanditse avuga ko iyo ngingo ari "intwaro y'agahotoro yeruye".

Yanditse kandi ati: "Iyi ntwaro ihakana ishaka ry'abanyagihugu ikarenga amategeko si intwaro rusangi kandi si intwaro ishingiye ku mategeko".

Hanyuma, mw'ijambo yacishije ku mbuga hwaniro, Bwana Imamoglu yariyamirije umurwi ujejwe gutegura amatora, avuga ko watewe igitsure n'umugambwe uri ku butegetsi.

Yabwiye abari mu myiyerekano ati: " Ntavyo tuzokwumvikana ku mateka yacu. Iki gihugu cuzuye abagikunda imiliyoni 82 biteguye kurwanira intwaro rusangi gushika ku munota wa nyuma".

Umurwi w'abanywanyi ba Bwana Imamoglu wasavye abantu ko bokwifata, uvuga uti: "Twese tuje hamwe, dutekane…tuzotsinda, tuzotsinda kandi".

Mbega none vyagenze gute?

Amatora yo mu makomine yabaye kw'igenekerezo rya 31 z'ukwa gatatu kw'uno mwaka, aho yaboneka ko ari amatora kamarampaka yo kwemeza ubutegetsi bwa Perezida Erdogan mu gihe ubutunzi bugeze ahamanuka.

N'aho urunani rurongowe n'umugambwe AKP rwayatsinze ku bice 51 kw'ijana mu gihugu cose, umugambwe CHP utavuga rumwe n'ubutegetsi wavuze ko watsinze ku mugwa mukuru Ankara no mu bisagara vya Azmir na Istanbul.

Recep Tayyip Erdogan ntarota yemera gutsindwa mu gisagara ca Istanbul

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Recep Tayyip Erdogan ntarota yemera gutsindwa mu gisagara ca Istanbul

Mu gisagara ca Istanbul, amajwi arenga imiliyoni umunani niyo yaharuwe, Bwana Imamoglu aba ariwe atangazwa ko yatsinze, arushije uwo bahiganwa amajwi adashika ibihumbi 14.

Kuva ico gihe, umugambwe uri ku butegetsi wagumye wiyamiriza ivyavuye muri ayo matora mu bisagara vya Ankara na Istanbul, vyatumye abatavuga rumwe n'ubutegetsi bagiriza leta ko bariko bagerageza kwiba amatora.

Perezida Erdogan ashaka ko vyanka vyakunda asubira gutsinda muri ico gisagara gifatwa nk'umutima w'igihugu mu vy'ubutunzi. Yakunze kuvuga ati: "Uw'ari we wese atsinze muri Istanbul aba atsinze muri Turkiya".