Igipolisi ca Algeria ‘cahagaritse mwenewabo wa Bouteflika’

Amakuru ava mu gihugu ca Algeria avuga ko mwenewabo w'uwahoze arongoye ico gihugu Abdelaziz Bouteflika, n'abandi babiri bahoze barongoye igisata kijejwe igendereza, bahagaritswe n'igipolisi c'ico gihugu.

Ibimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko abo bantu bashikanywe mw'ibohero "inyuma y'amatohoza ku bikorwa vyabo".

Ivyo bibaye inyuma y'imyiyerekano imaze indwi zitari nke, aho abari muri yo basaba ko abahoze bafatanije na Bwana Bouteflika mu burongozi bw'ico gihugu bose boshirwa ku ruhande.

Urubuga ngurukanabumenyi ALG24 rwo mu gihugu ca Algeria rumenyesha ko Said Bouteflika, hamwe n'abajenerali Bachir Athmane Tartag na Mohamed Mediene, bategerezwa kurenguka imbere ya sentare ya gisirikare uno munsi ku wa Mungu.

Abenshi babona ko mwenewabo wa Bwana Bouteflika ari we yategeka igihugu kuva aho mwenewabo afatiwe n'indwara yo mu mitsi ifatira mu bwonko mu mwaka wa 2013.

Imbere y'aho, umukuru w'ibiro vya gisirikare, Liyetena Jenerali Gaid Salah, yari yagirije Bwana Mediene, azwi cane kw'izina rya Jenerali Toufik, ko yariko ategura guhungabanya umutekano w'abanyagihugu n'igisirikare.

Bwana Tartag yari yasubiriye Bwana Toufik mu mwaka wa 2015, ariko nawe nyene akaba yagiye gukurwa mu mabanga kw'igenekerezo rya 05 z'ukwezi kwa kane uheze, inyuma y'aho Bwana Bouteflika atangiye imihoho.

Inyuma y'imyaka 20 ari ku butegetsi, Bwana Bouteflika yatanze imihoho mu kwezi guheze inyuma y'imyiyerekano y'abiyamiriza ubutegetsi bwiwe yari imaze amezi atari make.

Abdelkader Bensalah yahoze arongoye Sena niwe yashikirijwe vy'imfatakibanza ubutegetsi, akaba yemereye abanyagihugu ko azotegura amatora meza mu kwezi kw'indwi.

Ariko, abari mu myiyerekano bamusaba gutanga imihoho, aho babandanya basaba ko hoba impinduka zikomeye mu burongozi bw'ico gihugu.

Abenshi bariyamiriza ico bise "Le Pouvoir", bashaka kuvuga ko abo bose bahoze bafatanije na Bwana Bouteflika kurongora igihugu bokinjura.

Mu kwezi guheze, Liyetena Jenerali Salah yamenyesheje ko bamwe mu bahoze barogoye igihugu bategerezwa kubazwa ku vyo bagirizwa vy'ukurya ibiturire.

Kuva ico gihe, abatari bake mu bantu bari bakomeye cane, harimwo n'abatunzi hamwe n'umushikiranganji wa mbere, baramaze guhagarikwa.