Juan Guaidó asaba abanyagihugu ba Venezuela kwiha amabarabara ngo bomore Perezida Maduro

Juan Guaidó atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Perezida wa Venezuela Nicolás Maduro asaba abanywanyi biwe gusubira kwiha amabarabara uno munsi ku wa gatatu, inyuma y'imigumuko y'ejo ku wa kabiri.

N'aho imyiyerekano y'ukumwiyamiriza ibandanya, Perezida Maduro wewe ntarota arekura ubutegetsi nk'uko uwutavuga rumwe nawe aguma abimusaba.

Mw'ijambo yashikirije kuri televiziyo, Bwana Maduro yavuze ko abashigikiye Guaidó ari "akarwi gatoya" katsinzwe mu migambi yako.

Hagati aho, ubutegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwari bwamenyesheje ko Bwana Maduro yari yiteguye gufata urugendo aja mu gihugu ca Cuba kugira ahunge imigumuko.

N'aho atavyemezo yerekanye, umunyamabanga wa leta ya Amerika, Mike Pompeo, yabwiye televiziyo CNN ati: "Hari indege yari imurindiriye. Tuzi ko yari yiteguye kugenda muri kino gitondo co ku wa kabiri. Ariko, Abarusiya bavuze ko ategerezwa kuguma mu gihugu".

Ubutegetsi bwa Amerika bwari bwamenyesheje ko abategetsi bakuru batatu ba leta ya Bwana Maduro bari bemeye ko umukuru w'ico gihugu yogenda, ariko mu nyuma barigarura.

John Bolton, umuhanuzi wa Amerika mu vy'umutekano, yamenyesheje ko muri abo bategetsi harimwo umushikiranganji w'ukwivuna abansi, Vladimir Padrino - ariko yasubiye kwemeza ko ashigikiye Bwana Maduro, anaboneka ari kumwe nawe igihe yashikiriza ijambo kuri televiziyo.

Ahagatiwe n'abakuru ba gisirikare, Bwana Maduro yariyemeje ko ategerezwa gutsinda urugamba ku co yise igerageza ry'ugutembagaza ubutegetsi rishigikiwe na Amerika.

Yamenyesheje kandi ko ivyabaye ku munsi wa kabiri "bidashobora kwijana".

Yavuze ati: "Abajejwe ubutungane bazohana ivyaha bikomeye vy'ukutubahiriza ibwirizwashingiro, intwaro ibereye hamwe nivyo uguhungabanya umutekano".

Ku ruhande rwiwe, Bwana Guaidó yongeye gutera akamo abanyagihugu ba Venezuela gusubira kwiha amabarabara kugira ngo barangize ico yise "intambwe ya nyuma" mu rugamba rwo kwomora Bwana Maduro.

Vyagenze gute ejo ku wa kabiri?

Bwana Guaidó yarasohoye ireresi y'iminota itatu mu masaha y'agatondo ka kare ejo ku munsi wa kabiri.

Iyo reresi yamwerekanye ahagararanye n'abantu bambaye impuzu za gisirikare, amenyesha ko ashigikiwe "n'abasirikare b'intwari" ku mugwa mukuru Caracas.

Yavuze ati: "Ingabo z'igihugu zafashe ingingo ibereye...bemeye kwifatanya n'uruhande nyarwo mu mateka y'igihugu".

Yasavye abanyagihugu ba Venezuela kubashigikira mu kwiha amabarabara, mu gihe yari ahagararanye n'uwundi munyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi, Leopoldo López, yari asanzwe apfunzwe kuva mu mwaka wa 2014.

Ku munsi w'ejo ku wa kabiri, abanywanyi b'impande zompi baciye biyegeranya mu bice bitandukanye vya Caracas.

N'aho Bwana Guaidó yateye akamo abasirikare, vyabonetse ko benshi bari inyuma ya Bwana Maduro mu gihe haba itana mu mitwe.

Umunsi wose, harabaye ugutana mu mitwe hagati y'abanywanyi ba Bwana Guaidó n'igisirikare cari gifise ibimodoka vy'intambara.

Abari mu myiyerekano berekanywe bariko batera amabuye, ariko barasubizwa inyuma hakoreshejwe ivyuka bikoroza amosozi n'ibimodoka bitera amazi. Umwanya umwe, imodoka ya gisirikare yerekanywe iriko igonga abari mu myiyerekano.

Bwana Guaidó arongoye inama nshingamateka igizwe ahanini n'abatavuga rumwe na leta, abandanya asaba igisirikare ca Venezuela kumushigikira kuva yitangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka wa 2019.

Avuga ko Perezida Maduro "yafashe ubutegetsi ku nguvu", akavuga ko yatowe mu matora yabayemwo ubusuma.

Umunyamakuru wa BBC Guillermo Olmo ari i Caracas, yamenyesheje ko umunsi w'ejo ku wa kabiri wabayemwo imigumuko itari bwaboneke muri Venezuela kuva iki gihugu cinjiye mu ndyane za politike.

Abajejwe amagara y'abantu muri ico gihugu bamenyesha ko abantu 69 bakomerekeye muri iyo migumuko, harimwo na babiri bari bafise ibikomere vy'amasasu.

Amakungu avuga iki?

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, asaba impande zompi kwirinda imishamirano.

Amerika isanzwe ishigikiye Bwana Guaidó kuva yitangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza, yasubiye kwemeza ko imushigikiye.

Perezida Donald Trump avuga ko abandanya "akurikiranira hafi" ibiriko bibera mu gihugu ca Venezuela.

Arongera akagabisha ko ashobora gufatira "ibindi bihano bikomeye", harimwo na "embargo", izinga rya Cuba, mu gihe igisirikare caryo kitoreka gushigikira Bwana Maduro.

Ibindi bihugu bishigikiye Bwana Maduro, harimwo Bolivia na Cuba, vyariyamirije ibikorwa vya Bwana Guaidó vyise ko ari ivy'ukugerageza "gutembagaza ubutegetsi".

Mu gihe umukuru w'igihugu ca Colombia, Ivan Duque, wewe asaba igisirikare ca Venezuela gushigikira Bwana Guaidó kugira bakure ku butegetsi Perezida Maduro, ishirahamwe rihuza ibihugu vya Amerika y'ubumanuko, Lima, ryo rirategekanya inama ku munsi wa gatanu.