Mozambique: Ivyasizwe n'igihuhusi Kenneth mu masanamu

Ahavuye isanamu, AFP
Igihuhusi gikomeye casambuye ibihumbi vy'amazu kinica abantu benshi muri Mozambique.
Igihuhusi Kenneth cashitse ku butaka kuwa kane kizanye umuyaga ufise umuvuduko ungana na 220km/h.
Hategekanywa ko ikirere kizosuka imvuga ingana inshuro zibiri iyasutswe n'igihuhusi Idai, cahitanye abantu 900 muri Mozambique, Malawi na Zimbabwe mu kwezi guheze.

Ahavuye isanamu, OCHA/Saviano Abreu/via REUTERS
Pemba, umurwa mukuru w'intara ya Cabo Delgado, yahuye n'imvura ingana n'imetero zibiri, amabarabara ahinduka inzuzi.

Ahavuye isanamu, Reuters


Ahavuye isanamu, Reuters


Ahavuye isanamu, Reuters
Ikibazo c'imyuzure cunyuwe n'uko igihuhusi Kenneth cashitse mu mpera z'igihe c'imvura, aho inzuzi n'ubundi ziba zuzuye, nk'uko vyashikirijwe n'ibiro vya ONU bitunganya ibikorwa vy'ubutabazi, Ocha

Ahavuye isanamu, AFP
Imyuzure yasambuye inyubako za leta, bituma ibikorwa vy'ubutabazi bidindira.

Ahavuye isanamu, STRINGER/AFP
Igihuhusi Kenneth kiramaze gusambura ibice vy'amazinga ya Comoros.

Ahavuye isanamu, AFP
Umuvugizi wa Ocha, Saviano Abreu, yavuze ko ibintu mu miji ya Macomia na Quissanga bimeze nabi cane, yongerako yuko hari impungenge kw'izinga rya Ibo risa n'iryugarijwe

Ahavuye isanamu, NASA
.








