Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abagore ibihumbi 300 ku mwaka baritaba Imana mu gihe bariko bibaruka babanje gukorwa
Icigwa giherutse gusohoka cerekana ko abakenyezi ibihumbi 300 kw'isi - hafi bose bava mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere - ari bo bitaba Imana mu gihe bariko bibaruka babanje gukorwa.
Ubwo bushakashatsi bwakozwe n'ishure kaminuza Queen Mary ry'i Londres mu gihugu c'Ubwongereza, buzwi ko ari bwo bushakashatsi bukomeye butari bwigere bubaho kuri ico kibazo.
Abashakashatsi bakoze ivyigwa vyabo ku bakenyezi bibungenze imiliyoni 12.
Bavuga ko basanze ibitigiri vy'abashobora kwitaba Imana bivuye ku kuvyara babanje gukorwa birengeye cane uko bavyibaza mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere.
Akenshi na kenshi, abavyeyi bagiye kwibaruka bashobora gukorwa kugira ngo barokore ubuzima bwabo n'ubw'abana babo.
Ariko, ico cigwa cerekana ko mu bice vyinshi, cane cane mu karere ka Afrika iri munsi y'ubugaragwa bwa Sahara, uwo mugirwa uhitana abavyeyi batari bake.
Igitigiri c'abakenyezi bahasiga ubuzima muri ico gice c'isi kirengeye incuro ijana igitigiri co mu bihugu biteye imbere nk'Ubwongereza.
Ico gigwa cerekana kandi ko icumi kw'ijana vy'abana bitaba Imana mu gihe canke umwanya muto inyuma y'uko bavutse abavyeyi babo babanje gukorwa .
Abakoze ico cigwa - catangajwe mu kinyamakuru c'Ubwongereza, The Lancet - bahamagarira abavyeyi muri ivyo bihugu ko bosaba bakama bakorwa n'abaganga babifitiye ubumenyi buhagije kugira ngo iryo korwa rishobore kugenda neza.