Umukuru w'igihugu ca Algeria amenyesha ko azosubira kwitoza naho yiyamirizwa

Abdelaziz Bouteflika

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abdelaziz Bouteflika aramaze igihe kitari gito ataboneka kuva aho afatiwe n'indwara ifatira mu bwonko-aho yari mu matora y'abashingamateka 2017

Umukuru w'igihugu ca Algeria, Abdelaziz Bouteflika, yirengagije imyiyerekano yo kumwiyamiriza ibandanya, amenyesha ko azosubira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ariko ko atazomara ikiringo ciwe.

Mw'ikete ryasomwe kuri telkeviziyo, Perezida Bouteflika amenyesha ko mugihe yotorwa mu matora yimirije mu kwezi kwa kane kw'uno mwaka azohagarikira ibiganiro bihurikiyemwo bose kugira hatunganywe ayandi matora atazokwitozamwo.

Muri iryo kete, Perezida Bouteflika amenyesha ko atahura imyiyerekano iri mu gihugu kuva imisi cumi iheze, kandi ko mu gihe yotorwa atazosubira kwitoza inyuma y'ivyo biganiro bihurikiyemwo bose.

Iryo kete ryasomwe kuri televiziyo ENTV rivuga riti: " Narumvise kandi naratahuye akamo k'abari mu myiyerekano, cane cane urwaruka ibihumbi n'ibihumbi bambaza ivyerekeye kazoza k'igihugu cacu".

"Urwo rwaruka ntirurira busema ku makenga yabo. Ndafise ishaka kandi ntegerezwa kuremesha imitima y'abo dusangiye igihugu".

Uwujejwe ibikorwa vy'imyiyamamazo vya Bwana Bouteflika niwe yatanze impapuro z''ukwiyamamaza kw'izina ry'umukuru w'igihugu asanzwe ariko aravurirwa mu gihugu c'Ubuswisi.

Umugwi ujejwe amatora muri ico gihugu umenyesha ko umukandida ategerezwa kwishikiririza we nyene ubwiwe izo mpapuro, ariko umurwi ujejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro wamenyesheje ko adategerezwa kuhishikira we nyene ubwiwe.

Igihugu ca Algeria kiri mu myiyerekano kuva aho Perezida Bouteflika amenyeshereje ko azokwitoza mu kindi kiringo kigira gatanu.

Uwo mukuru w'igihugu ubu afise imyaka 82 y'amavuka aramaze igihe kitari gito ataboneka kuva aho afatiwe n'indwara ifatira mu bwonko (accident vasculaire cérébral ) mu mwaka wa 2013.

Ku musi wa Mungu harasubiye kwaduka iyindi myiyerekano mu gihe hari hasigaye gato ngo ikiringo c'ukwiyandikisha ku bakandida kirangire isaha zitandatu z'ijoro.

Ku mugoroba, urwaruka rwarasubiye kwiha amabarabara y'igisagara ca Alger no mu bindi bisagara bikuru bikuru vy'igihugu.

Igipolisi cakoresheje ibimodoka bisukira amazi mu gusanzaza abanyeshure bari mu myiyerekano ku mugwa mukuru Alger

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igipolisi cakoresheje ibimodoka bisukira amazi mu gusanzaza abanyeshure bari mu myiyerekano ku mugwa mukuru Alger

Bivugwa ko igipolisi cakoresheje ibimodoka bisukira amazi mu gusanzaza abanyeshure bari mu myiyerekano ku mugwa mukuru Alger.

Eka no mu gihugu c'Ubufaransa hasanzwe haba abanya Algeria batari bake harabaye imyiyerekano.

Mbega yoba azohiganwa na bande?

Gushika ubu, abandi ba kandida batandatu baramaze kwiyandikisha, muri bo hakaba harimwo umujenerali w'umukukuruke, Ali Ghediri, yemereye abanyagihugu ka yozana impinduka muri Algeria.

Umugwizatunga Rachid Nekkaz, asanzwe afise abanywanyi benshi ku rubuga hwaniro rwa Facebook, akaba avugwa ko ari mu bantu bashigikiwe cane n'urwaruka yari yamenyesheje ko azokwitoza ariko yarankiwe.

Ahubwo haciye hemererwa muvyarawe, nawe nyene yitwa Rachid Nekkaz,, akaba ari umufundi w'amamodokari, uwo mugwizatunga akavuga ko azohagarikira imyiyamamazo yiwe.

Imigambwe ibi itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, Labour Party hamwe na Islamist Movement of Society for Peace, imenyesha ko itazokwitaba ayo matora.

Eka n'uwigeze guhangana na Bwana Bouteflika mu matora aheruka, Ali Benflis, ntazoja muri ayo matora.

Mbega Abdelaziz Bouteflika ni nde?

Abdelaziz Bouteflika yashitse ku butegetsi mu mwaka wa 1999 akaba azwi ko yahagaritse intambara yahitanye abantu barenga ibihumbi 100.

Mu mwaka wa 2011 haradutse imyiyerekano y'ukwiyamiriza iduzwa ry'ibiciro mu gihe hari imyiyerekano mu bihugu bitari bike vy'abarabu, ivyo bise Arab Spring.

Iyo myiyerekano yatumye afata ingingo yo gukura amategeko yari amaze imyaka hafi 20 yashira igihugu mu bihe bidasanzwe, ico kikaba cari kimwe mu vyasaba n'abari mu myiyerekano, yaciye ihagarara.

Inyuma y'aho arwariye indwara yiwe ifatira mu bwonko, Bwana Bouteflika yaratsinze amatora yiyamirijwe n'abatavuga rumwe na leta mu mwaka wa 2014, aca abogoza abari bagize igisata kijejwe igendereza, aho yaciye ashiraho abamuyoboka.

Abamurwanya bavuga ko bwana Bouteflika atamabanga agishoboye y'ukurongora igihugu kubera indwara yiwe.

N'aho hari abamurwanya, biboneka ko ariwe ashobora gutsinda amatora y'uno mwaka mu gihe abatavuga rumwe nawe basanzwe batumvikana.