Miss Algeria mu bwiza Khadija Ben Hamou raiyamiriza abamugirako amacakubiri y'urukoba

Khadija Ben Hamou

Ahavuye isanamu, Miss Algerie

Insiguro y'isanamu, Khadija Ben Hamou, wo mu bumanuko bwa Algeria, yavuze ko yishimira akaranga kiwe

Miss mushasha wa Algeria mu bwiza yishuye abatamushima bashikirije ibitutsi bishingiye ku rukoba kubera uko asa.

Khadija Ben Hamou yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Algeria TSA ati:"Nsinshobora gucika intege kubera abantu bantuka."

Amajambo mabi ku rukoba rwa Miss Algeria, amazuru n'iminwa yaranditswe ku mbuga za Facebook na Twitter.

Abanye Algeria bafise urukoba rushaka kwirabura barinubwa cane mu bihugu vyo mu buraruko bwa Afrika.

Umwigeme Ben Hamou, ava mu karere ko mu bumanuko ka Adrar, yavuze ko ashimishwa n'akaranga kiwe kandi ko yatahukanye intsinzi.

Yongeyeko ati:"N'iteka kuri jewe kuba nashitse ku vyo nipfuza, kandi natewe iteka n'intara ya Adrar nturukamwo."

"Ndateye intege abigemwe bo mu karere nturukamwo kwitaba amahiganwa nk'aya mu gihe bavyipfuje."

Inkuru ziva mu kinyamakuru c'imideli Vogue, n'umwigeme agira kabiri yirabura - inyuma ya Nassima Mokadem mu 2005 - atahukanye intsinzi muri iryo higanwa ry'ubwiza.

Ben Hamou yahiganywe incuro 20 muri iryo higanwa imbere y'uko atorwa kuba Miss Algeria 2019 ku wa gatandatu.

Abamunebagura bavuze ko adaserukira ubwiza ba Algeria, ariko hari n'abamushigikiye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 1

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa, 2

Presentational white space

Umwigeme Ben Hamou yabwiye TSA "Ntugacire urubanza abantu utaravye aho ubwenge bwabo bugera, nta budasa buhari hagati y'umwirabure n'uwera."

Miss Algeria n'abateguye iryo higanwa bavuze ko bateye ivyatsi "inyifato y'amacakubiri ashingiye ku rukoba hamwe n'amajambo yavuzwe n'abantu benshi inyuma yo gutangaza uwatsinze n'amafoto yasubiwemwo."