Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Caster Semenya ariko agondoza Sentare yipfuza kumugabanya umusemburo w'abahungu
Sentare ijejwe imanza z'ikarashishi iriko yumviriza ivyireguzo vy'umwigeme wo muri Afrika Yepfo, Caster Semenya, ku mugambi wotuma agabanywa umusemburo w'abahungu ( testosterone) imbere yo guhiganwa.
Muri uwo mugambi abigeme bose biruka bafise umusemburo w'abahungu mwinshi, bobanza kuwugabanisha gushika ku rugero rusabwa.
Umukuru w'igisata kigenzura ubunonotsi kw'isi "International Association of Athletics Federations" (IAAF), Sebastian Coe, avuga ko amategeko mashasha agiye gutanguzwa yotuma abahiganwa bumva batarenganijwe.
Yotuma abigeme bafise umusemburo utuma bamera nk'abagabo, babanza gufata imiti imbere yo guhiganwa.
Abunganira Semenya mu rubanza basigura bavuga ko ryoba ari ikumira, ko ahubwo amakungu yarakwiye kwigina ibituma aguma atsinda amahiganwa.