Caster Semenya ariko agondoza Sentare yipfuza kumugabanya umusemburo w'abahungu

Sentare ijejwe imanza z'ikarashishi iriko yumviriza ivyireguzo vy'umwigeme wo muri Afrika Yepfo, Caster Semenya, ku mugambi wotuma agabanywa umusemburo w'abahungu ( testosterone) imbere yo guhiganwa.

Muri uwo mugambi abigeme bose biruka bafise umusemburo w'abahungu mwinshi, bobanza kuwugabanisha gushika ku rugero rusabwa.

Umukuru w'igisata kigenzura ubunonotsi kw'isi "International Association of Athletics Federations" (IAAF), Sebastian Coe, avuga ko amategeko mashasha agiye gutanguzwa yotuma abahiganwa bumva batarenganijwe.

Yotuma abigeme bafise umusemburo utuma bamera nk'abagabo, babanza gufata imiti imbere yo guhiganwa.

Abunganira Semenya mu rubanza basigura bavuga ko ryoba ari ikumira, ko ahubwo amakungu yarakwiye kwigina ibituma aguma atsinda amahiganwa.