Umushakashatsi Apollinaire Djikeng mu mugambi wo guhingura ibitungwa mu kugabanya ubukene muri Afrika

Djikeng

Ahavuye isanamu, BBC NEWS

Insiguro y'isanamu, Iciyumviro umwigisha Djikeng camujemwo afatiye kuri kahise kiwe

Umushakashatsi Apollinaire Djikeng wo kw'ishure kaminuza ya Edinburgh mu Bwongereza, ariko agerageza guhingura ibitungwa mu ntumbero y'ugufasha imiryango y'abarimyi borozi ikenye muri Afrika.

Uyu mwigisha wa kaminuza ariko ahingura inka, ingurube n'inkoko bishobora kurinda indwara kandi bishobora kugwira.

Muvyo amaze gukora, amaze guhingura inka ishobora kwihanganira ubushuhe.

Avuga ko ibitungwa bihinguwe gushasha bizogira amagara meza kandi bikagwira cane, gutyo bikazofasha imiryango ikenye cane kw'isi.

Kuri we ngo birashoboka kurwanya ubukene mu miryango ikenye, cane cane iyo usanga ifise nk'igitungwa kimwe, bibiri canke bitatu.

Umwigisha Djikeng abona ko iyo miryango ishobora kugwa mu bukene budasanzwe mu gihe utwo duke batunze dupfuye canke tukaba tutagwira.

Pigs

Ahavuye isanamu, BBC NEWS

Insiguro y'isanamu, Izi ngurube ni izahinguwe kugira zirinde indrwara y'amahaha yica cane

Avuga ko afatira kuri kahise kiwe.

Se wiwe yari umwinazi yorora ingurube mw'itongo ritoya aho yaba mu burengero bwa Cameroun.

Avuga ko buri gihe, iyo hageze mu kwezi kw'umunani yaba afise ingurube yashora kugira ngo umwana wiwe - ari we Apollinaire Djikeng - ashobore kuja kw'ishure mu kw'icenda.

Ariko igihe kimwe hagati mu myaka ya 1980, hadutse ingwara y'akaranda yateye ingurube, yasize se wiwe ata n'imwe asigaranye ngo ashobore gushora.

Avuga ko Imana yagize ari uko nyina yari asanzwe atunze inkoko, arizo baciye bikorako barashora, gutyo umwigisha Djikeng ashobora kubandanya amashure, none ubu akaba asigaye ari umuhinga karuhariwe.

Ngo ivyo vyamuhaye icigwa ko mu gihe usanzwe uri umwirimizi, utegerezwa kuba ufise utundi tuntu wokwikorako mu gihe habaye ingorane, nk'akarorero ibitungwa birinda ingwara canke bidahuta biragwara.

Cow

Ahavuye isanamu, ACCELIGEN

Insiguro y'isanamu, Iyo ni inyana yahinguwe muri Amerika, irinda ubushuhe, kandi igwira cane

Agira ati: "Ico gihe ubuhinga ntibwari bwatere imbere cane kugira ngo ivyo bikunde. Ari naco gituma naciye mfata icemezo co guhindura ibintu".

Umwigisha Djikeng n'umurwi arongoye bariko bakorana n'ibigo vy'ubushakashatsi muri Afrika kugira ngo bamenye ingorane zihari bongere bafashe gutora umuti.

Muri kino gihe, uwo murwi uriko uhingura inkoko zirinda agahweka, be n'inka zifise urukoba rwirukana inyondwe gutyo ntizirware indwara y'ururondwe.

N'aho hari abafise amakenga kuri ubwo buhinga cane cane ku ngaruka bushobora kugira ku bidukikije, umwigisha Djikeng na bagenziwe bavuga ko umugambi wabo ari uko bazokora bashira imbere imigirwa y'ubworozi kama aho bizoshoboka hose, vyose ku nyungu y'umurimyi mworozi.