Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indege yahanutse yishe batanu barimwo ingenzi muri Kenya
Abantu batanu nibo bavugwa ko bapfuye mu mpanuka y'indege ntoya yahanutse mu karere ka Kericho, mu burengero bw'igihugu ca Kenya.
Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryavuze ko iyo ndege yagendeshwa n'umunya Kenya, yaritwaye abanyamahanga bane ibakuye mu ruhongore kama rwa Maasai igihe yahanuka.
Umukuru w'igipolisi mu karere ka Rift Valley yavuze ko iyo ndege yarigiye i Lodwar mu buraruko bw'igihugu.
Imigwi y'abatabazi yarungitswe mu kibanza iryo sanganya ryabereyemwo.
Ikinyamakuru ca Kenya carungitse ifoto y'iryo sanganya ku buryo bwa Twitter: