Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yavuze ko adakeneye gufashwa naho Man City iri hejuru mu manota

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yavuze ko adakeneye gufashwa inyuma yaho Man City ikuriye uwo mugwi mu kibanza ca mbere mw'ihiganwa rya Premier League.
City iri mu kibanza ca mbere mu kuba ifise ibitsindo vyinshi inyuma y'urukino rwa Everton ku munsi wa Gatatu mu gihe aba Reds bafise urukino batarakina, bikurikiranije inkino zibiri banganya.
Liverpool ishobora gusubira mu kibanza ca mbere kuri uno wa Gatandatu uhura na Bournemouth imbere yuko City itana mu mitwe na Chelsea ku wa Mungu.
Klopp yavuze ko "atari yiyumviriye" ivyo abantu bovuga Liverpool inganije kabiri.
Yagize ati: "Naronse ubutumwa muri ino ndwi, ikindi cerekana ko abantu biyumvira ko nkeneye gufashwa - Sinkeneye gufashwa, murakoze cane, mpagaze neza."
Inyuma yaho City itsindiwe na Newcastle mu kwezi guheze, Liverpool yitesheje akaryo ko kuja imbere amanota indwi mu kunganya na Leicester imbere yuko isubigwa na West Ham, umugwi wa Pep Guardiola wo utsinze Arsenal.
Klopp yabandanije ati: "Vyaribonekeza kandi igihe wipfuza kuja hejuru mu manota no gutwara igikombe mu mpera ry'ihiganwa, utegerezwa kwerekana ko ukunda vyukuri umupira, ko wipfuza gutsinda, bigakenera ko umuntu agwana."
"Igikoresho dufise co nyene ngo tuve muri bino bihe ni umupira w'amaguru, kuwukunda, kugwana nya kugwana, tugasatira mu buryo buzwi n'amategeko.
"Ubu turafise amahirwe yo gukora neza kandi ndazi ko twiteguye n'inguvu zacu zose, kugwanira vyose."










