Inyuma yo kuvuka umutima uri hanze yaravuwe arataha

Umwana yavukanye umutima uri hanze y'umubiri, yasezerewe n'ibitaro inyuma y'amezi 14 avurwa kuva akivuka.

Vanellope Hope Wilkins, yavutse atagira utugufa dukingira igikiriza, yavukiye mu bitaro vya Glenfield biri muri Leicester kuwa 22/11/2017, nyina arinze kubagwa.

Umwana ubwiwe yabazwe incuro zitatu kugira bamusubirize umutima indani mu gikiriza.

Ibindi vyavuzwe mbere kuri iyi nkuru

Ubu rero Vanellope yasezerewe ava mu bitaro vy'i Nottingham, aho yimuriwe mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze kubera ari hafi yo muhira iwe.

Mu bisanzwe bahora bamutahana akarara muhira none ubu bamusezereye mu bitaro.

Nyina wiwe Naomi Findlay, avuga ko biruhutsa kubona uwo mwana wiwe yavuye mu bitaro.

Avuga ko n'ubwo baryohewe bibateye kandi umwitwarariko.

Ngo rwabaye urugendo rure rure kuri bo.

Vanellope ategerezwa gucungerwa amasaha yose kandi ahumeka ari uko yongererjwe impwemu.

Abavyeyi ba Vaneloppe, bagiye kuzogumana nawe igihe kire kire, cane cane mw'ijoro.

Nyina wiwe, Findlay, avuga ko n'ubwo impinga ikiri ndende, bafise icizere co kubaho nk'umuryango.

Se wa Vanellope, Dean Wilkins, avuga ko kubona umwana wabo ari muhira, ari intambwe ya mbere n'ubwo hari izindi ntambwe agisigaye

Umwe mu baganga bavuye uwomwana, Frances Bu'Lock, avuga ko uwo mwana azokenera gufashwa igihe kire kire mu buzima bwiwe, mu ntumbero yo gufasha igikiriza ciwe n'umutima wiwe kumera neza.

Abaganga bavuga ko batazi neza uko ivyo uwo mwana bizogenda kuko ari ubwa mbere bahuye n'ikibazo nk'ico.

Ikibazo ca Vanellope citwa 'ectopia cordis', nti gikunze kuboneka kandi abana bagifise akenshi ntibavuka ari bazima.

Igihe ico kibazo ciwe caboneka akiri mu nda ya nyina, abaganga babwiye abavyeyi ba Vanellope ko afise amahirwe yo kubaho atari hejuru ya 10%.

Ariko rero abaganga bo ku bitaro vya Glenfield baratsinze ico kibazo kidasanzwe.

Bavuga ko ata na hamwe bari bwumve mu Bwongereza umuntu afise ikibazo nk'ico ashobora kubaho.