Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abana 6 bishwe bahongowe amenyo, bacibwa n'amatwi muri Tanzaniya
Ubutegetsi bwa Tanzaniya bwabwiye BBC ko bwatoye ibiziga vy'abo bana bibuze amenyo n'amatwi.
Bimwe muri ivyo biziga vyari vyaciwe iminwa kandi vyononekaye cane.
Ubwo bwicanyi bwatumye abantu batangura kugira amakenga ku bijanye n'amarozi muri iyo ntara ya Njombe, mu bumanuko bushira uburengero bwa Tanzaniya.
Umukuru w'intara ya Njombe, Ruth Msafiri yabwiye BBC ko abo bana batandatu baturuka mu muryango umwe.
Yemeje ko abo bakuwe muhira iwabo mw'ijoro, abavyeyi atariho bari.
Abantu babiri baramaze gufatwa nkuko amakuru ava muri ako karere avuga.
Uwurongoye intara yasavye abavyeyi kurikanura.