Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida Buhari wa Nigeria, wahagaritse umukuru w'urukiko rw'ikirenga hitegurwa amatora, ari kotswa igitutu n'amahanga
Indorerezi mpuzamahanga zagaragaje impungenge zifite nyuma yaho umukuru w'urukiko rw'ikirenga rwa Nigeria ahagaritswe ku mirimo ye, habura ibyumweru bitatu gusa ngo amatora ya perezida abe.
Ku wa gatanu, umucamanza Walter Onnoghen yahagaritswe ku mirimo ye na Perezida Muhammadu Buhari wa Nigeria.
Ashinjwa ibirego birimo ibivugwa ko atatangaje umutungo we mbere yuko atangira akazi ke mu mwaka wa 2017.
Ariko umuryango w'ubumwe bw'Uburayi, Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe z'Amerika, byahagurukiye ihagarikwa rye, bibona ko rishobora "gupfukirana imigendecyere y'amatora".
Atiku Abubakar, umukandida w'ingenzi mu bazaba bahanganye na Bwana Buhari mu matora yo mu kwezi gutaha kwa kabiri, yavuze ko icyemezo cya Bwana Buhari ari "igikorwa cy'igitugu".
Abanyapolitiki batavuga rumwe na leta babaye bahagaritse ibikorwa byo kwiyamamaza kubera iki cyemezo cyo guhagarika ku mirimo ye umukuru w'urukiko rw'ikirenga.
Perezida Buhari, uri gushaka gutorerwa manda ya kabiri, akenshi yakunze gushinja ubucamanza kubangamira urugamba rwe rwo kurwanya ruswa.
Ariko nta makuru yandi yatanzwe ku mpamvu zabaye intandaro y'ihagarikwa rya Bwana Onnoghen.
Kuki hari igitutu cy'amahanga?
Nk'umukuru w'ubucamanza, umukuru w'urukiko rw'ikirenga rwa Nigeria agira uruhare rukomeye mu gucyemura ukutavuga rumwe gushobora kubaho ku byavuye mu matora.
Ibirego ashinjwa ndetse n'ihagarikwa rye ryakurikiyeho kandi amatora yegereje, bibonwa ahanini nk'ibishingiye ku mpamvu za politiki.
Ihagarikwa rye ryabaye habura amasaha atageze kuri 24 ngo Bwana Onnoghen ayobore umuhango wari uteganyijwe wo kurahiza abacamanza b'inkiko zijyanye n'amatora.
Itangazo ry'itsinda ry'abagenzuzi b'amatora b'umuryango w'ubumwe bw'Uburayi rigira riti: "Icyemezo cyo guhagarika umukuru w'urukiko rw'ikirenga cyatumye abaturage benshi ba Nigeria, barimo abacamanza n'abo mu miryango itegamiye kuri leta n'indorerezi, bibaza niba amategeko yarubahirijwe".
Ibiro by'uhagarariye Amerika muri Nigeria byatangaje ko bihangayicyishijwe cyane n'icyemezo cyo gusimbuza umucamanza Onnoghen "nta ruhare inteko ishingamategeko ibigizemo mu gihe hitegurwa amatora y'igihugu n'aya za leta [zigize Nigeria]".
Ibiro by'uhagarariye Ubwongereza muri Nigeria nabyo byagaragaje "impungenge zikomeye" ku ihagarikwa ry'uyu mucamanza. Itangazo byasohoye rigira riti: "[Iri hagarikwa] rishobora kugira ingaruka ku kuntu mu gihugu no mu mahanga bazaha agaciro amatora yimirije".