Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 10 bishwe mu gitero muri Burkina Faso
Amakuru ava mu gihugu ca Burkina Faso avuga ko abantu bitwaje ibigwanisho mu buraruko bw'igihugu bishe nimiburiburi abantu 10 mu kigwati kiri hafi y'umupaka wa Mali, nkuko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Muri ico gitero ca Sikire hafi y'igisagara ca Arbinda, bivugwa ko amaduka hamwe n'ibindi bidandazwa vyibwe ibindi bigaturigwa.
Abagwanyi bo mu ntagondwa z'aba Isilamu bamaze igihe bagaba ibitero vy'ubwicanyi muri ako karere mu myaka ya vuba.
Abashikiranganji bo kwivuna abansi hamwe n'umutekano ba Burkina Faso barakuwe muri leta mu ntango ya kuno kwezi, inyuma y'igitero cagabwe mu buraruko bw'igihugu.