'Viagra' y'abagore yemewe muri Misiri

Ihinguriro ry'imiti ryo mu gihugu ca Misiri ryahawe uburenganzira bwo gukora uwo 'muti' witwa 'flibanserin', ukoreshwa n'abagore bashaka kwiyongereza 'ubushobozi' mu kurangura imibonano mpuzabitsina.
Hashize imyaka flibanserin, uzwi cane nka 'viagra y'abagore', wemewe ubwa mbere muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.
"Numvise ikizunguzungu no kujanwa nk'uwuri mw'itiro, kandi umutima wariruka cane", uko niko Leila, umwe mu bagore bo mu Misiri bakoresheje ico kinini avuga.
Leila (siryo zina ryiwe kuko atashimye kurishira ahabona kubera kuganira ku mibonano mpuzabitsina abifata nk'ikizira) n'umukenyezi w'imyaka irenga 30.
Inyuma y'imyaka icumi yubatse, ariko yahisemwo kugura ako 'gasabiko' kubera amazinda yo kwumva ukwo gakora.
Bisanzwe bimenyerewe ko umuti wa viagra ukoreshwa n'abagabo bafise ikibazo co kubarukwa, ariko kumva ko uwo muti wanakorewe abagore hari abo bigora gutegera.







