Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunyamakuru akomeye mw'itohoza muri Ghana, yakorera Anas Aremeyaw Anas yagandaguwe
Umunyamakuru w'inkuru zirimwo itohoza ryo ku rwego rwo hejuru yakorera umunyamakuru rurangiranwa, Anas Aremeyaw Anas, yishwe arashwe ku murwa mukuru w'igihugu ca Ghana, Accra.
Ahmed Hussein Suale yarashwe inshuro zitatu n'abantu bari kw'ipikipiki igihe yari mu muduga atashe muhira ejo ku wa gatatu.
Bwana Hussein Suale yari umwe mu bakomeye bagize ikigo cigenga c'itohoza c'umunyamakuru amaze gutsindira udushimwe, Anas Aremeyaw Anas.
Yagize uruhara rukomeye mu gushira ahabona ibikorwa vya ruswa mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Ghana.
Iryo tohoza ryatumye uwahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Ghana, ahagarikwa muri urwo rukino ubuzima bwose, ico kiganiro BBC ikaba yaracerekanye.
Ivyo bikorwa vya ruswa bimaze gushirwa ahabona, umushingamateka wo muri Ghana yasavye ku mugaragaro ko bwana Hussein Suale yohohoterwa.
Igipolisi kivuga ko kiriko kiratohoza kw'iyicwa ry'uwo munyamakuru, Anas Aremeyaw Anas akaba yashize ubutumwa ku mbuga hwaniro buvugwa ko atazobuzwa kuvuga.