Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Iyindi ntambwe mu gushaka kumenya uwishe colonel Karegeya igire iterwe muri Afrika y'epfo
Muri Afrika y'epfo, umucamanza azotangura kwumviriza abantu bafise ico bazi ku rupfu rwa Patrick Karegeye yahoze ari umukuru w'iperereza mu Rwanda.
Ni isuzuma rikorwa n'umucamanza ritandukanye n'urubanza nyene izina rw'abakekwako uruhara mu bwicanyi bwa Patrick Karegeya, na burya abakekwa bivugwa ko bahunze canke bahinzwe muri Afrika y'epfo.
Ariko rero n'ubwo ari ukwumvirizwa gusa, iki gihe gishobora kuba igiteye isoni kuri leta y'u Rwanda, kuko ibimenyetso bigenda bishirwa ahabona ku gikekwa ko ari ubwicanyi bwa politike bwakorewe umwe mu batarya umunwa mu kunegura leta.
Bwana Karegeya yarigeze kuba umukuru w'urwego rw'iperereza mu Rwanda, ariko mu nyuma ntiyakomeje guhuza na perezida Paul kagame.
Uyu mukuru w'igihugu arashimwa ko yahinduye cane u Rwanda kuva ico gihugu giciye mu bihe vya genocide mu 1994.
Ariko ico anegurwa cane, n'uko atihanganira abo badasangiye ivyiyumviro.
Aregwa gupfunga abo batavuga rumwe, no gukoresha imigwi y'abacangero mu kubahiga no kubica.
Igihe amakuru y'uko Patrick Karegeya yishwe anigiwe mw'ihoteri yo mu muji wa Johannesburg yamenyekana, ubutegetsi bw'u Rwanda bwarigamvye.
Bwakiriye neza iryo gandagurwa rya Patrick Karegeya, bumwita ko yari "imbwa, n'umuhemu".