Mu Burundi ubushikiranganji bwa za kaminuza n'ubushakashatsi bwafashe ingingo yo kwugara kaminuza zibiri zigenga.

Mu Burundi ubushikiranganji bwa za kaminuza n'ubushakashatsi bwafashe ingingo yo kwugara kaminuza zibiri zigenga, izindi zigera kw'icenda zitegekwa guhagarika igikorwa co kwakira abanyeshure bashasha.

Ibi bibaye inyuma y'aho umugwi w'abahinga uciye muri kaminuza imwimwe bihweza ibijanye n'ingene akanovera k'inyigisho kifashe muri za kaminuza.

Abaserukira kaminuza zakozweko bidoga ko iyo ngingo yafashwe batagishijwe inama, bagasaba ubushikiranganji gushira imbere ibiganiro.

Nkuko biri mw'itangazo ry'umushikiranganji wa za kaminuza Gaspard Banyankimbona, iyo ngingo yafashwe hisunze ivyavuye mu nama nshikiranganji yo ku wa 12 na 13 ruheshi umwaka wa 2018.

Iyo nama yari yasavye ko hoshirwaho umugwi w'abahinga boshika ku rubuga kugira barabe neza ingene ibijanye n'inyigisho muri za kaminuza zitandukanye.

Uwo mugwi wahavuye ujaho ari nawo wahavuye urutonde rwa kaminuza 9 zidakwiye kubandanya imirimo n'izindi zibiri zitegerezwa kwugarwa.

Abaserukira zimwe muri izo kaminuza twavuganye bavuga ko iyo ngingo mu gufatwa ata muco wagiyemwo ngo kubera batigeze babwirwa ivyafatiweko ndetse mbere nko nta n'inama bagishijwe.

Oscar Toyi aserukira kaminuza Ntare Rugamba yavuze ko iyo ngingo bayakiriye nabi kandi ngo ntibabona imvo ihagazeko.

Avuga ko ifise ingaruka zikomeye kw'itunganya z'amakaminuza kandi nog igitangaje, mw'ikete babandikiye ntibababwira ico babagiriza.

Yongeraho ko kaminuza ye ifise abigisha n'ibikoresho bikwiye.

Abandanya avuga ko bandikiye umushikiranganji bamusaba ko yohagarika iyo ngingo maze agashira imbere ibiganiro.

Yongeraho ko kaminuza ye ifise abigisha n'ibikoresho bikwiye.

Izi kaminuza rero zisabwa kubandanya ziherekeza abanyeshure bari basanzwe bari mu myaka yisununuye kugira baheze amashure yabo, abayoberwa nabo bakeneye gusubiramwo umwaka bagasabwa kuca baja gusaba ikibanza ahandi.