Muri Sudani imyigaragambyo irwanya leta yatangiye mu kwezi gushize irakomeje

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri Sudani abantu babarirwa mu bihumbi bigabije imihanda yo mu mujyi wa Omburman basaba ko Perezida Omar al-Bashir ava ku butegetsi.
Muri iyo myigaragambyo irwanya leta baririmbaga bavuga ngo "Ubwisanzure, Amahoro n'Ubutabera".
Igipolisi cyagerageje kubatatanya gikoresheje ibyuka biryana mu maso.
Mbere yaho Perezida Omar Al Bashir yari yitabiriye igiterane cy'abamushigikiye mu murwa mukuru Kharthoum.

Ahavuye isanamu, Reuters
Yongeye gusubiramo ko hari abantu bari hanze y'igihugu bari inyuma y'iyi myigaragambyo imurwanya maze ashimira igisirikare n'inzego zishinzwe umutekano kubera kwitwara kimuntu mu guhosha iyo myigaragambyo.
Televiziyo ya leta muri Sudani yerekanye amashusho y'abigaragambya bashyigikiye perezida Omar al-Bashir mu rusisiro rw'ahitwa Green Square mu murwa mukuru Khartoum.
Abantu bari muri iyo myigaragambyo bazunguza amabendera ya Sudani, biravugwa ko bahamagariraga ubumwe mu gihugu.
Ariko kandi abigaragambya bamagana guverinoma nabo bari bateganyijwe kujya ku nteko ishinga amategeko bagaha urwandiko perezida wayo bamusaba ko Bashir yegura ku butegetsi.
Perezida Bashir ari ku gitutu cyo kwegura kubera izamuka ry'ibiciro.
Imyigaragambyo yaseruwe n'izamuka ritunguranye ry'igiciro cy'umugati mu kwezi gushize.
Ariko ubu ryakongeje inkundura isaba ihinduka ry'ubutegetsi.
Ni cyo kintu gikomeye kugeza ubu giteye impungenge mu myaka 25 Bashir amaze ku butegetsi.










