Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zambia yategetse ikompanyi ikora ikinyobwa congereza inguvu kuba irahagaritse ibikorwa
Abategetsi ba Zambia bategetse ishirahamwe ryo muri ico gihugu guhagarika guhingura ikinyobwa congereza inguvu bivugwa ko gituma umugabo yakinyoye aguma abarutswe (erection) umwanya muremure.
Iyo ngingo ifashwe inyuma y'aho ibiro vya Uganda bijejwe kuraba ko ibidandazwa bikwije ibisabwa (UBS) bivugiye mw'ikete ryo kw'itariki 4 z'ukwezi kwa mbere ko vyapimye icupa rya Natural Power SX, inyuma y'aho uwakinyoye yidogeye ko yabize intuguta aguma anabarutswe amasaha yababa atandatu.
UBS yavuze ko muri ico kinyobwa harimwo umuti witwa slidenafil citrate ukoreshwa mu kuvura umuntu afise ingorane yo kubarukwa (impuissance).
Ico kinyobwa gikorwa n'ishirahamwe rya Revin Zambia Limited, riri i Ndola mu buraruko bw'ico gihugu.
Umukuru w'iyo kompanyi Vikas Kapoor, yabwiye BBC Newsday ko uko abizi ico kinyobwa kitagiramwo umuti n'umwe.
Mw'itangazo ryashizweko umukono n'impande zose, ikigo kijejwe kugenzura imiti, akarere ka Ndola hamwe n'igisata ca Zambia kijejwe kuraba ko ibidandazwa bikwije ibisabwa, bavuze ko batanguje amatohoza kandi ko bazomenyesha abanyagihugu ivyavuyemwo.
Iryo tangazo rivuga riti "Ibiva muri ayo matohoza bizomenyeshwa abanyagihugu vuba bishoboka igihe ibipimo bizoba bimaze kumenyekana."
Muri Uganda abategetsi batanguye gufata ivyo binyobwa.