Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mo Ibrahim asaba CPI guhanagurira ivyaha Perezida Bashir wa Sudani
Umutunzi w'amamiliyaridi Mo Ibrahim aturuka muri Sudani akorera mu gisata c'itumanako, yabwiye BBC ko Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) ikwiye gufuta ivyaha yegetse kuri Perezida wa Sudani Omar al-Bashir, igihe yoba yemeye kuva ku butegetsi.
Yashikirije ayo majambo inyuma y'imyirekano iba muri Sudani isaba Bwana Bashir gutanga imihoho.
Yagize ati: "Ivyo ni vyaba vyofasha gutabara ubuzima, bigafasha kwirinda ingwano yo gusesa amaraso, reka uwo mugabo yigire amahoro."
"Naho nanka ukudahana ivyaha, nkemera ko abantu bakwiye guhanwa ku vyaha bakoze, ariko ni twaba dushobora kuvyishura muri ubwo buryo, reka uwo mugabo yigire."
Perezida Bashir yagirizwa na CPI ivyaha vyo gutegura ingwano n'ivyaha vyibasira zina muntu i Darfur - ibirego ahakana.
Bisigura ko ashobora gufatigwa mu gihugu icarico cose kiri mu masezerano ya CPI.
Bwana Ibrahim niwe yatanguje agashimwe k'imiliyoni zitanu z'amadolari ($5m) gatangwa kira mwaka ku mutegetsi wa Afrika aba yatwaye neza, mu kuzamura ubuzima bw'abanyagihugu munyuma agakinjura.
Abajijwe ko Bwana Bashir yoja mu bahabwa ako gashimwe, Bwana Ibrahim yabwiye BBC Focus on Africa ati: "Nibaza ko muriko murafyina."