Muri Saudi abagore bipfuza kwahukana bazorindira ubutumwa barungikiwe kuri telefone na sentare

Ahavuye isanamu, AFP/Getty
Itegeko rishasha ryasohotse mu gihugu ca Arabie Saoudite rivuga ko umugore wese yipfuza kwahukana azorindira ubutumwa bwa sentare arungikiwe kuri telefone ngendanwa bwemeza ko abirekuriwe.
Abagore b'abahinga mu vy'amategeko bavuze ko iryo tegeko rigiye gutuma ukwahukana kwakoregwa mu kinyegero kurangira, mu gihe abagabo bashobora guta abagore babo batabibabwiye.
Iryo tegeko rizotuma abagore bamenya ingene bubatse, bikingire ku gateka kabo nko guhabwa ibibabeshaho igihe bavanye n'abagabo.
Mu mwaka uheze itegeko ryabuza abagore kugendesha imodoka ryarafuswe muri Arabie Saoudite.
Naho biri ukwo abagore baracacubgishijwe abagabo.
Umunyamategeko wo muri Saudia Nisreen al-Ghamdi yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Bloomberg ati: "Rino tegeko rishasha rituma abagore batekeregwa iyo bahukanye."
Umunyamategeko Samia al-Hindi yabwiye ikinyamakuru Okaz ko abagore benshi bashingishije imanza ku kuba barahukanishijwe batagishijwe inama.
Ni ibiki abagore ba Saudia badashobora gukora?
Hari ibintu vyinshi abagore bo muri Arabie Saoudite badashobora gukora badahawe uruhusha n'uwubajewe, yaba umugabo, se, musaza wabo canke umuhungu wabo.
Bimwe muri vyo ni:
- Gusaba igitabo c'inzira
- Gufata urugendo mu mahanga
- Kurongogwa
- Kwuguruza ikonte muri banki
- Gutanguza ivyashara
- Kuva mw'ibohero
Ugucungishwa abagabo kwatumye haba ukutangana kunini hagati y'abigeme n'abahungu mu bihugu vyinshi vyo mu buseruko bwa hagati.










