Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika Yepfo yasohoye umutahe mpuzamakungu wo gufata Grace Mugabe
Igipolisi ca Afrika Yepfo cemeje ko casohoje umutahe wo gufata Grace Mugabe, yahora ari umupfasoni wa mbere mu gihugu ca Zimbabwe.
Uwo mutahe usohowe ku birego vy'uko umupfasoni w'uwahora arongoye Zimbabwe Robert Mugabe, yahohoteye umwigeme akora mu vy'imideli i Johannesburg mu mwaka uheze.
Mu makuru aturuka mw'itororokanirizo ry'amakuru Reuters bivugwa ko umuvugizi w'igipolisi ca Afrika Yepfo ariwe yemeje isohogwa ry'uwo mutahe.
Vishnu Naidoo yavuze ati: "Ndashobora kwemeza ko umutahe wo gufata Grace Mugabe wasohowe ku munsi wa kane uheze."
Uwo muvugizi yongeye avuga ko igipolisi kiriko kirasaba igipolisi mpuzamakungu Interpol ngo gifashe gushira mu ngiro uwo mutahe.
Bino bishitse mu gihe sentare yahanaguriye Madamu Mugabe ubudahangagwa mu kwezi kw'indwi.
Leta ya Afrika Yepfo yaratumye abanyagihugu bafatwa n'agashavu mu kureka Madamu Mugabe akava mu gihugu ahejeje gukubita umwigeme Gabriella Engels mu cumba c'ihoteli abahungu biwe babamwo i Johannesburg.
Nta cemeza ko Africa Yepfo izoguma ikurikirana ivy'ishigwa mu ngiro vy'uno mutahe.
Ayo makosa Grace Mugabe yagirizwa yayakoze amezi atatu imbere yuko Robert Mugabe akugwa ku butegetsi.
Umuryango wa Mugabe ufise amazu menshi muri Afrika Yepfo.