Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zimbabwe: Grace Mugabe yitavye igipolisi ca Afrika Yepfo
Umushikiranganji ajejwe igipolisi muri Afrika Yepfo, Fikile Mbalula, yavuze ko Grace Mugabe, umutambukanyi wa prezida wa Zimbabwe, ko yishikanye mu minwe y'igipolisi kandi ko yitaba sentare kuri uno wa kabiri ku bijanye n'umuntu yakubise.
Umukobwa akora mu vy'imideri yavuze ko Madamu Mugabe yamukubise mu maso, kandi ko yaciye ashira amafoto y'ingene yakomeretse ku mbuga hwaniro.
Bwana Mbalula yavuze ko umuntu uwariwe wese akwiye gukingigwa n'amategeko; ko adashobora kuja muri Zimbabwe ngo akubite umuntu ngo yizere ko vyijana.
Madamu Mugabe yiteze kwishura ivy'uwo mukobwa amwidogera, niko yavuze ashimika.
Abarongoye umugambwe Zanu-PF bavuze ko Madamu Mugabe ariwe yagiriwe amakosa (nta wuzi ico abo bantu babiri bapfuye).