Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 13 bapfuye mu ndyane z'amoko n'amatongo muri Etiyopiya
Abavyiboneye n'amaso bavuze ko indyane zadutse mu miryango idahana ni rwere mu gisagara ca Moyale kiri mu bumanuko bw'igihugu zahitanye abantu 13 ku munsi wa mbere.
Kuva mu ntango za kuno kwezi iyo miryango yaratanye mu mitwe ipfa ikibazo c'amatongo.
Abantu bo mu bwoko bw'aba Borana Oromo bidoga bavuga ko amatora kamarampaka yakozwe mu 2005 yatumye abo mu bwoko bw'aba Garri baturuka mu gihugu ca Somalia, bahabwa itongo bavuga ko ari rwabo.
Iyo miryango yose itunzwe n'ubworozi, benshi mu bungere bakaba bitwaza inkoho.
Abanyamakuru bakorera muri Etiyopiya bavuga ko kurangiza indyane ziri mu miryango itandukanye, ari kimwe mu bibazo bikomeye bihanze umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed naho yipfuza guhindura ibitari bike.