Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu bane ngo boba bishwe ku mvo z'amatongo muri Kenya
Abantu bane ngo boba bishwe ku mvo z'amatongo ahitwa Hindi mu ntara ya Lamu iri mu buraruko bushira ubuseruko ku nkengera z'ibahari Indiano muri Kenya.
Abanyagihugu b'akarere ubwo bwicanyi bwabereyemwo baciye biha amabarabara kubwiyamiriza, igipolisi kikavuga ko bwoba bwaturutse ku bibazo vy'amatongo.
Abantu bafise ibigwanisho ngo boba bagavye ibitero ku mazu mw'ijoro, babanza guhamagara abantu mu mazina, imbere yuko babica.
Umukuru w'intara ya Lamu, Gilbert Kitiyo, avuga ko aborozi boba aribo bakoze ubwo bwicanyi.
Yiyamirije abavuga ko al-Shabab ariyo yoba yakoze ubwo bwicanyi, asigura ko bwaturutse ku mvo z'amatongo, bitewe nuko abateye bari bazi amazina yabo bari baje kwica.
Mu myiyerekano barimwo, abanyagihugu bidogeye abajejwe umutekano bavuga ko bananiwe kubakingira.
Ico gitero kibaye haheze iminsi mike abandi bantu batatu bishwe n'abantu bavugwa ko boba ari abagwanyi ba al-Shabab, bateye imodoka barimwo ahitwa Nyongoro muri iyo ntara ya Lamu nyene.
Ikinyamakuru Standard kivuga kw'ibitero vyagwiriye muri izo ndwi zirangiye.
Ivyo vyatumye abanyagihugu baba mu mashamba n'abayegereye bimuka.
Umukuru w'igipolisi mu karere ka Mombasa kahegereye Nelson Marwa, amaze iminsi amenyesheje ko hari ibikogwa bibandanya vyo kurekurira ibibombe mw'ishamba rya Boni, rivugwa ko ryigaruriwe n'abagwanyi ba al-Shabab.