Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare kivuga ko igitero ku modoka zunguruza abantu cahitanye abantu 2 abandi umunani barakomereka mu Rwanda
Igisirikare c'Urwanda kimenyesha ko abantu bataramenyekana baraye baturiye imodoka zitatu zitwara abantu mu karere ka Nyamagabe kari mu bumanuko bica abantu babiri abandi umunani barakomereka.
Mw'itangazo rigufi igisirikare cashikirije ca vuze ko ico gitero cabaye isaha 18h30, amasaha yo mu Rwanda i Cyitabi, abakigize bakaba bataramenyekana.
Rivuga kandi ko abakomeretse bariko baravurigwa mu bitaro.
Umuvugizi w'igisirikare c'Urwanda Lt Col Innocent Munyengango avuga ko igisirikare kiriko kirakurikirana abo bateye birutse baja mw'ishamba rya Nyungwe.
Abandanya avuga ati:"Tumaze tubona ibintu nk'ibi muri aka karere kandi turazi neza abakoze ibi bintu uyumusi. Turiko turakurikirana abateye kandi tuzofatira ingingo ruhasha ababifisemwo uruhara."
Iryo tangazo rirangiza rivuga ko ubu inzira ari nyabagendwa ko imodoka zishobora kurengana.