Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umutima w'umuntu wibagiriwe mu ndege watumye isiba urugendo
Indege yo muri Amerika yarivuye Seattle igiye Dallas vyabaye ngombwa ko isubira inyuma yarimaze amasaha ihagurutse kuberako hari umutima w'umuntu wibagiriwe muriyo.
Ishirahamwe ry'indege Southwest Airlines rivuga ko ico gihimba c'umubiri cari caje kiva muri leta ya Californie kigategerezwa kwururukirizwa Seattle, aho agahimba kawo gakenewe ko koreshejwe munyuma.
Ntawibutse kuwukura mu ndege, munyuma abakozi bo mu ndege bawubona indege imaze kugenda igice c'urugendo igana igisagara ca Dallas.
Uwo mutima nta mugwayi kanaka wari ugenewe.
Amakuru arambuye y'ivyo bintu vyabaye ku munsi w'Imana, yashitse mu binyamakuru ku munsi wa Kane.
Ingenzi zarabuze ayo zicira nayo zimira igihe umudereva ababwiriye ivy'uwo mutima uri mu ndege, nuko ugiye gutuma basubira inyuma.
Hari abaciye batangura gukoresha telefone ngendanwa zabo ngo barabe igihe umutima ushobora kubikwa imbere yuko ukoreshwa - abahinga bakavuga ko ari amasaha ane gushika kuri atandatu.
Bivugwa ko iyo ndege yari imaze amasaha atatu iri mu kirere.
Umuganga yari mu ngenzi ariko ataho ahuriye n'ivyo gupakiza uwo mutima, yabwiye ikinyamakuru Seattle Times ko ivyabaye ari "inkuru iteye ubwoba y'ugusamara kurenze urugero".
Inyuma yaho uwo mutima usubirijwe Seattle, waciye utwagwa mu kigo gisanzwe gitanga ibihimba vy'umubiri kubikwa, kivuga co cawuronse igihe kitararengerana.