Umukozi mukuru mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Centrafrique akurikiranwa na CPI

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru Patrice Edouard Ngaissona ari mu nama ya bose muri Maroc mu kwezi kwa Kabiri mu 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Patrice Edouard Ngaissona yiyita umuhuzabikorwa w'aba anti-Balaka

Uwigeze kurongora ishirahamwe ry'umupira w'amaguru Patrice-Edouard Ngaïssona yafashwe n'ubutegetsi bw'Ubufaransa ku vyaha vy'ingwano akurikiranwako muri Repubulika ya Centrafrique (RCA)

Bwana Ngaïssona yagirizwa gutegura no kugaba ibitero ku banyagihugu bo mw'idini rya Islamu muri RCA mu 2013-14.

Mw'itangazo ryasohotse, Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) yavuze ko ategerezwa kurengutswa ku cicaro cayo i La Haye.

Uwo mugabo ari muri komite y'ishirahamwe rya Afrika ry'umupira w'amaguru "Confédération du football africain" (CAF), arahakana ivyo aregwa.

Igihugu ca RCA cigeze gukoronizwa n'Ubufaransa, cinjiye mu ndyane mu 2013 igihe inyeshamba z'aba Islamu zo mu mugwi Seleka zifatiye ubutegetsi mu gihugu kigwiriyemwo abakirisu.

Haciye havuka uwundi mugwi w'abagwanyi b'abakirisu biyita anti-Balaka, bahangana n'aba Seleka inyuma yaho Perezida Francois Bozize akuriwe.

Ibihumbi vy'abanyagihugu barapfuye muri iyo ngwano, umuryango mpuzamakungu ONU ukavuga ko abarenga inusu y'umuliyoni bataye ingo zabo.

Patrice-Edouard Ngaïssona mu nama

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Patrice-Edouard Ngaïssona (i buryo) ari kumwe n'uwuserukira Seleka, Mohamed Moussa i Brazzaville muri Repubulika ya Congo

Bwana Ngaïssona yiyita umuhuzabikorwa w'abagwanyi ba anti-Balaka.

Kubera ayo mabanga, CPI ivuga ko yakoze ivyaha vyo mu ngwano n'ivyaha vyibasira zina muntu birimwo kwica, ukuboreza igufa hamwe no gushira abana mu bikorwa vya gisirikare.

Avugana na BBC, umuvugizi wa CAF yavuze ko urwego rwa Afrika rw'umupira w'amaguru ko rudafise ico rwoshikiriza ku bijanye n'ifatwa ryiwe.

Rwabandanije ruti: "Reka ubutungane bukore akazi kabwo."

'Kuvanga politike na Siporo'

Bwana Ngaïssona yarankiwe guhiganwa mu matora ya RCA yo mu 2015, kubera uruhara yagize mu bwicanyi, ariko akaba yarabihakanye.

Yahora arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri RCA, araba umwanya muto umushikiranganji w'inkino, imbere yuko atogwa muri CAF mu kwezi kwa Kabiri uno mwaka.

Igenwa ryiwe ryaridogewe n'amashirahamwe menshi y'abaharanira agateka ka zina muntu.

Ku bijanye n'ukwo gutogwa, Bwana Ngaïssona yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Iyaba ivyo ndegwa vyari vyo, sinari kuba ndi hano uno munsi."

Yavuze ko atipfuza "kuvanga politike na siporo."

Yabandanije ati: "Ivyo nakoze vyose, nabikoze ku neza y'igihugu canje."

Mu kwezi guheze, uwundi mukuru w'inyeshamba zo muri RCA, Alfred Yekatom, yarashikanywe muri CPI ku vyaha akurikiranwako vy'ingwano n'ivyibasira zina muntu.